Ethiopia: UN yatanze imfashanyo ya miliyoni $35 ku basivire bo mu ntara ya Tigray

Nearly 50,000 have already crossed the border to neighbouring Sudan.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abantu hafi 50.000 baramaze guhungira mu gihugu kibanyi ca Sudani

ONU yatangaje imfashanyo yihuta ya miliyoni 35 z'amadolari ya Amerika ku basivire bazahajwe n'intambara zibera mu karere ka Tigray muri Ethiopia.

Kuva itariki 4 z'ukwezi kwa cumi na rimwe, igisirikare ca reta kiriko kiratana mu mitwe n'abagwanyi bo muri Tigray.

ONU yavuze ko imiliyoni 25 z'amadolari zizokoreshwa mu kugura imiti y'abagwaye n'abasivire bakomeretse muri Ethiopia, hamwe no kugura imfungurwa n'amazi yo kunywa.

Ayandi imiliyoni 10.6 z'amadolari azofasha mu vyerekeye uburaro, amagara n'amazi meza ku bihumbi n'ibihumbi vy'impunzi zahungiye mu gihugu kibanyi ca Sudani.

Uwushinzwe ibikorwa vyo gutanga imfashanyo mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Mark Lowcock, avuga ati:

"Intambara nk'iyi iragoye guhagarika mu gihe imaze kurenga urugero, ubuzima bw'abantu ihitana ntibugaruka, kandi agahinda isiga mu bantu ntigahera. Nk'ubu abana ntibashikirwa n'imfashanyo. Dukeneye ko zibashikira ata nzitizi."