Kenya ivuga ko iriko ikora uko ishoboye kugira isanasane imigenderanire na Somalia

Reta ya Kenya ivuga ko iriko irakora uko ishoboye kugira no isanasane imigenderaniye yayo na Somalia inyuma y'aho iki gihugu co mw'ihembe rya Afrika kimenyeshereje uno musi ku wa kabiri ko gihagaritse imigenderanire na Nairobi.
Umuvugizi wa reta ya Kenya Cyrus Oguna avuga ko hashinzwe umurwi ugiye kwiga ibibazo vy'ukutumvikana biri hagati y'ibi bihugu.
Reta ya Somalia yagiriza Kenya ko yivanga mu bibazo biraba igihugu ca Somalia, ibi bikaba biri mu vyahungabanije imigenderanire yavyo.
Somalia yahamagaye abayiserukira bose i Nairobi, maze ica itanga imisi indwi itarenga ku baserukira Kenya i Mogadishu ko boba bakuye meza, ikavuga ko iki gihugu kibanyi kivogera ubwigenge bwayo.
Ariko Oguna wewe abifata nk'ibisanzwe, agashimangira ko ibi bihugu vyompi bisangiye kahise kandi bifitaniye n'ubucuti bwo kuva kera "bukeneye kubungabungwa".
Itangazo rya reta ya Somalia ryo guhagarika imigenderanire na Kenya rije mu gihe umukuru w'intara ya Somaliland ishaka kwiyonkora ari mu rugendo rw'imisi itatu muri Kenya.
Reta ya Somalia ifata ko Somaliland ari intara yayo, kandi gushika ubu amakungu ntiyemera Somaliland nk'igihugu cigenga, n'aho imaze igihe ikora inguvu kugira ngo yemerwe nk'igihugu cigenga kuva itangaje ko yikukiye mu 1991.
Hagati aho, itangazo Kenya na Somaliland vyasohorewe hamwe kuri uyu wa kabiri rivuga ko Nairobi igiye kwugurura ibiro vy'ubuserukizi (consulat) muri Somaliland.
Rivuga kandi ko igiye gutangura ingendo z'indege muri ako karere.
Abihweza ibintu n'ibindi babona ko iyi ngingo izorushirizaho gutera uburakari reta ya Somalia idakeneye kwumva ibijanye na Somaliland nk'igihugu cigenga.










