Kenya irahakana ko yirukanye uwuserukira Somalia inyuma y'ikibazo c'imbibe

Kenya ivuga ko yahamagaje uwuyiserukira muri Somalia ngo aze mu mibonano, ikongera ikavuga ko ambasaderi wa Somalia nawe nyene yahanuwe gusubira mu gihugu kuvugana n'ubutegetsi bwaho.
Umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu Macharia Kamau avuga ko uwuserukira Somalia atirukanywe nkuko vyaciye mu binyamakuru vyinshi.
Bivugwa ko ubutegetsi bwa Kenya bwafashe iyo ngingo bushavujwe n'igihugu ca Somalia caheruka gufata ingingo yo kugurisha agace k'ikiyaga kagwiriyemwo ibitoro kegukira igihugu ca Kenya.
Igihugu ca Somalia cavuze ko kibabajwe n'itangazo "ridafise ishingiro" mu kwagiriza ico gihugu kugurisha ibitoro biri mu gace kari mu mpari.
Ubutegetsi bw'ico gihugu buvuga ko ata duce tw'ibitoro twagurishijwe icamunara mu nama n'abashoramari mu gisagara ca Londres itariki 7 Ukwezi kwa Kabiri.

Ahavuye isanamu, AFP
Ivyo bihugu ukwo ari bibiri bisanzwe bitumvikana ku gihugu cegukira agace ko mu bahari Indiyano kagwiriyemwo ibitoro.
Umushikiranganji wo guhererekana amakuru muri Somalia, Dahir Mohamed Gelle yavuze ko ubutegetsi bwa Mogadishu buzogerageza gukemura ico kibazo giteye uruhagarara na Kenya "mu buryo bwumvikana bushoboka".
Urubanza rw'imbibe zo mu mazi mw'ibahari Indiyano rusanzwe rwarashingishijwe na Somalia muri Sentare Mpuzamakungu, ikibazo kikaba aruko bose batumva kimwe inzira urwo rubibe rwocako.










