Somalia yirukanye uwuserukira ONU

Nicholas Haysom

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, UwuserukiraONU, Nicholas Haysom

Leta ya Somalia yagiriza uwaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU kutubaha ukwikukira kw'inzego z'igihugu.

Mw'itangazo ryasohowe n'ubushikiranganji bw'imigenderanire n'amakungu, Nicholas Haysom yagirizwa guhonyanga amategeko agenga inyifato y'abakozi ba ONU muri Somalia.

Ku munsi wa Mungu, Bwana Haysom yandikiye umushikiranganji ajejwe umutekano wa Somalia, avuga ko ababajwe n'ifatwa mu ntango y'Ukwezi kwa 12 rya Mukhtar Robow, yahora ari umugwanyi wa al-Shabab.

Uwo mugabo yafashwe n'inteko zijejwe umutekano za Somalia, zisanzwe zifashwa na ONU.

Ifatwa ryiwe ryatumye haba imigumuko ikaze yahitanye abantu 11.