ONU yahanaguriye ibihano igihugu ca Eritreya inyuma y'imyaka icenda

Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed (ibubamfu) na Isaias Afwerki (i buryo) wa Eritreya

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed (ibubamfu) na Isaias Afwerki (i buryo) wa Eritreya bumvikanye gutsimbataza amahoro

Akanama kajejwe umutekano ka ONU kemereye hamwe ikugwa ry'ibihano ku gihugu ca Eritreya cari kimazemwo imyaka icenda.

Ico gihugu cari cafatiwe ibihano bijanye no guhagarikigwa kugura ibigwanisho, ugufata amatungo yaco, kubuza ingendo ku bategetsi, mu gihe hari ibirego vy'uko ico gihugu gikorana n'abagwanyi b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Al Shabab bahungabanya umutekano mu gihugu ca Somalia.

Ivyo bihano bikuwe haheze igihe ico gihugu kinaguye imigenderanire mu karere, mu gutera igikumu ku masezerano y'amahoro n'igihugu kibanyi ca Etiyopiya.

Mu kwezi kwa gatandatu kw'uno mwaka, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yasavye ko ibihugu vya Etiyopiya na Eritreya vyorangwamwo urukundo ntihagire ingwano isubira kuvugwa.

Eritrea na Ethiopia baragwaniye ubutaka ku mbibe zavyo

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Eritrea na Ethiopia baragwaniye ubutaka ku mbibe zavyo

Ibihugu vya Etiyopiya na Eritreya vyari bimaze imyaka myinshi biganwa kubera ikibazo c'imbibe.

Mu kwezi kwa gatandatu umushikiranganji wa mbere mushasha wa Etiyopiya yemeye kw'igihugu ciwe kigiye guheba agace ivyo bihugu vyapfa.

Abiy Ahmed na Isaias Afewerki

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Abiy Ahmed (i bubamfu) yagiye kubonana na Prezida wa Eritrea Isaias Afewerki

Mu kwezi kw'indwi mu 2018, umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya Abiy Ahmed yaragendeye igihugu ca Eritreya, aho abategetsi b'ivyo bihugu bibiri biyemeje guharanira amahoro no kunagura imigenderanire y'ibihugu.

Muri ukwo kwezi nyene, indege y'igihugu ca Etiyopiya, Ethiopian Airlines yaragize urugendo rwa mbere muri Eritreya inyuma y'imyaka 20.