Al-Shabab yateye ikambi ya gisirikare ya Kenya muri Somalia

Ahavuye isanamu, AFP
Umuhari wa Al-Shabab wavuze ko wateye ikambi ya gisirikare ya Kenya mu gihugu ca Somalia aho izo ngabo ziriko zirafanya n'abandi basirikare ba Amisom kugwanya uwo muhari.
Abo bagwanyi bavuga ko bishe abasirikare benshi muri ico gitero mw'ikambi ya Kulbiyow mu bumanuko bwa Somalia hagufi y'urubibe rw'ico gihugu na Kenya.
"Mujahideen (abagwanyi) babiri batwaye amamodoka arimwo amabombe bayaturikiriza ku muryango w'iyo kambi yo mu gisagara ca Kulbiyow imbere y'uko abo bagwanyi binjira muri iyo kambi. Inyuma y'intambara ikomeye twashoboye gufata iyo kambi,"nk'uko umwe mu bavugizi ba al-Shabab, Sheikh Abdiasis Abu Musab yabibwiye Reuters.
Uwo muvugizi avuga ko uwo muhari wishe abasirikare barenga 50 baca batwara imodoka n'inkoho vy'abo basirikare, inkuru umuvugizi w'igisirikare wa Kenya yahakanye.
Col Paul Njuguna yabwiye Reuters: "Ni ububeshi. intambara ziracabandanya. Tubandanya kuronka ubutumwa."
Al-Shabab ihanganye na reta ishigikiwe n'amakungu.
Abasirikare ba Kenya hamwe n'abasirikare bo mu gihugu ca Djibouti, Uganda, Burundi na Ethiopia bari muri Amisom bafasha iyo reta ifise icicaro i Mogadishu kugwanya uwo muhari wa al-Shabab.
Mu kwezi kwa mbere umwaka uheze, abo bagwanyi barateye ikambi y'abasirikare i el-Adde bica abasirikare benshi.
Al-Shabab yavuze ko yishe abasirikare barenga 100, mu gihe igisirikare ca Kenya kitigeze kimenyesha igitigiri c'abasirikare bahasize ubuzima gushika ubu.










