Tanzania: Godbless Lema yahoze ari umushingamateka yahawe ubuhungiro muri Canada

Ahavuye isanamu, AFP
Godbless Lema yahoze ari umushingamateka wo mu batavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi muri Tanzania yahawe ubuhungiro muri Canada, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vyo muri Kenya.
Yari yahungiye muri Kenya aciye mu karere ka Lungalunga kari ku rubibe rwa Kenya na Tanzania, ariko akaba yabanje gupfungwa akanya gato imbere y'uko yemererwa kwinjira mu gihugu.
Umushingwamanza wiwe wo muri Kenya, George Wajackoyah, asubirwamwo n'ibinyamakuru vyo muri Kenya avuga ko Lema yavuye mu gihugu mw'ijoro ry'ejo ku wa gatatu.
Lema yari yashitse muri Kenya mu kwezi guheze ari kumwe n'umugore n'abana biwe batatu.
Yahunze inyuma y'amatora yabaye muri Tanzania mu kw'icumi, amatora yatsinzwe na Prezida John Magufuli.
Tundu Lissu yari asanzwe ahiganwa na we bikomeye yariyamirije aya matora, avuga ko yabayemwo utunenge twinshi.
Uyu nawe yahavuye ahungira mu Bubirigi avuga ko ubuzima bwiwe bwari bugeramiwe.






