Tundu Lissu asaba amakungu gufatira ibihano abategetsi ba Tanzania

Umunyapolitike azwi cane atavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Tanzania, Tundu Lissu, asaba amakungu gufatira ibihano abategetsi b'iki gihugu bagize uruhara mw'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu mu matora aheruka yaranzwemwo ukutumvikana.

Perezida John Magufuli yatsinze amatora kugira arongore ikiringo ciwe kigira kabiri mu matora aheruka yaranzwe n'uguterana amajambo, aho abatavuga rumwe n'umugambwe CCM uri ku butegetsi bavuze ko yaranzwemwo ubusuma.

Ubwongereza na Leta Zunze Ubumwe za Amerika bivuga ko ubutegetsi bwinjiriye ayo matora, ariko umurwi ujejwe gutegura amatora muri ico gihugu uvuga ko ata busuma bwayabayemwo.

Mu butumwa bwiwe yacishije ku rubuga rwa Twitter, Bwana Lissu ahamagarira amakungu "gufatira ibihano abategetsi kanaka, gufata amatungo yabo no kubabuza gusohoka igihugu, ingingo nkenerwa kugira ngo ivyo ukudahana bihagarare".

Uyu munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi yahungiye mu Bubirigi haciye akanya gato amatora arangiye, akavuga ko ubuzima bwiwe bwari bubangamiwe.

Leta ya Tanzania yoyo ivuga ko ata vyemezo bihari ko abatavuga rumwe n'ubutegetsi babangamiwe.

Tundu Lissu ni umunyapolitike azwi cane ko avuga atarya umunwa ku buryo vyamuteranije n'ubutegetsi incuro nyinshi.

Mu kwezi kw'icenda 2017, yarakomeretse cane arashwe amasasu menshi n'abantu gushika ubu bataramenyekana, hafi y'i muhira iwe i Dodoma, akaba yagiye gukira amaze gukorwa incuro zirenga 20 muri Kenya no mu Bubirigi.

Amaze gutahuka mu kw'indwi uno mwaka, Tundu Lissu yakiriwe n'abanywanyi biwe nk'intwari, maze mu kwezi kw'umunani yizigirwa n'umugambwe wiwe CHADEMA ngo awuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu yabaye ku wa 28 z'ukwezi kw'icumi uno mwaka.

Aho yari mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bari bahanganye na Perezida Magufuli.