Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Reta ya Qatar ivuga ko yamenye abavyeyi b'umwana yatawe ku kibuga c'indege c'i Doha
Reta ya Qatar ivuga ko yamenye abavyeyi b'umwana yatawe mu gifuko batamwo umwanda mu kwezi guheze ku kibuga c'indege ca Doha.
Umupfasoni umwe wo "mu gihugu co muri Aziya" yahungiye hanze y'igihugu ahejeje guta uwo mwana, nk'uko bivugwa n'abashikirizamanza, bakongerako ko hariko harakorwa ibishoboka vyose kugira agarukanwe gucibwa urubanza.
Bongeyeko kandi ko ibipimo vya ADN/DNA vyerekanye ko se w'umwana ari umunye Aziya.
Abashikirizamanza kandi bavuze ko abategetsi na bo nyene bagirijwe icaha co gusaka mu bihimba vy'irondoka vy'abapfasoni bari muri iyo ndege, mu ntumbero yo kurondera nyina w'uwo mwana.
Amakungu yarumiwe inyuma y'aho umugwi w'abapfasoni bari mu ndege ija i Sydney - harimwo n'abanye Australia, Abongerezakazi n'abanye New Zealand - bidogeye ko basatswe babakeka ko boba baheruka kwibaruka.
Reta ya Qatar ivuga ko ivyo vyatanguye inyuma y'itorwa ry'umwana w'umwigeme mu gifuko batamwo umwanda kw'iyinjiriro ry'ikibuga c'indege mpuzamakungu ca Hamad c'i Doha itariki 2 z'ukwezi kwa cumi.
Vyatumye haba isekeza ryihuta ryo kurondera abavyeyi b'uwo mwana, no mu zindi ndege 10 zari mu micungararo.
Abapfasoni benshi bari mu ndege ya kompanyi Qatar Airways yaja i Sydney bavuze ko bahawe itegeko ryo kwururuka, bajanwa muri za rusehabaniha (ambulances) ku kibuga c'indege, bategekwa gukura uduhuzu two munsi kugira bapimwe.
Abo bapfasoni bavuga ko ata nkuru n'imwe bahawe n'abategetsi, kandi ko ata n'akaryo bahawe ko gutanga inkuru k'ubushake.
Umushikiranganji wa mbere wa Australia, Scott Morrison, yavuze ko ivyabaye "biteye ubwoba" kandi ari "ivyo kwiyamiriza".
Mugenzi we wa Qatar, Sheikh Khalid bin Khalifa Al Thani, yavuze ko amategeko ngenderwako yahonyanzwe aca "anasaba n'imbabazi ku bintu bamwe mu bapfasoni b'ingenzi bakorewe".
Ku munsi wa mbere, abashikirizamanza ba Qatar bamenyesheje ko bareze benshi mu bakozi bo mu gisata c'umutekano ku kibuga c'indege.
Mw'itangazo, bavuga ko abo ngo barenze ku mategeko "mu gutegeka abapfasoni b'abaganga bakorana gukora ibipimo kuri bamwe mu bapfasoni bari mu ndege", bashobora gucibwa igihano co gupfungwa imyaka itatu mu gihe bohamwa n'icaha.
Abashikirizamanza bavuze kandi ko bagiriza nyina w'urwo ruyoya - rwacitse kw'icumu - icaha co kugerageza kwica, kandi ko bagiye "gufata ingingo zijanye n'amategeko yo gufashanya mpuzamakungu kugira ahagarikwe".
Ashobora guhanishwa gupfungwa imyaka 15 mu gihe yogarukanwa muri Qatar agahamwa n'icaha.
Bizwi ko se w'uwo mwana akiri muri Qatar. Ntibiramenyekana nimba hari ico yagirizwa.
Uwo mwana ubu ariko arezwe n'abategetsi ba Qatar.