US: Amahirwe ya Trump yo guhindura ivyavuye mu matora agenda agabanuka

Ahavuye isanamu, EPA
Donald Trump yahuye n'ikindi kibazo mu rugamba rwiwe rwo kurondera ingene yohindura ivyavuye mu matora aherutse kuba muri Amerika, inyuma y'aho hari abashingamateka bo muri leta ya Michigan batangarije ko batarota barondera guhakana intsinzi ya Joe biden muri iyo leta.
Abashingamateka babiri bo mu mugambwe w'aba Repubulika bamenyesha ko "bazokurikiza ico amategeko avuga" bakemeza ivyavuye mu matora, ni inyuma y'inama yabereye mu biro vy'umukuru w'ico gihugu, Maison Blanche/White House.
Mu gitondo c'ejo ku wa gatanu, leta ya Georgia yarakuriye inkoni ku gishitsi Perezida Trump mu kwemeza itsinzi ya Bwana Biden.
Uyu mu Democrate aherutse gutangazwa ko yatsinze amatora yiteze gushikirizwa amabanga ku wa 20 z'ukwa mbere kw'umwaka uza wa 2021 nk'umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika agira 46.
Mu matora yabaye ku wa 03/11, Bwana Biden yaratsindiye ibibanza 306 vy'intumwa z'itora (Collège Electoral) kuri 232 za Perezida Trump, mu gihe yari akeneye 270 gusa. Mu majwi rusangi yo ku rwego rw'igihugu, Biden asumvya Perezida Trump amajwi arenga imilyoni 5.9.
Inyuma y'igihe kirekire adakunze kuboneka kuva ayo matora abaye, Perezida Trump yaraye asubiye kwemeza ko ari we yatsinze aya matora, aho yavuga ati: " Mu bisanzwe naratsinze", ni mu gihe yariko avuga ibijanye n'ibiciro vy'imiti.
Abandanya avuga ko amatora yabayemwo ubusuma ariko ntiyerekane ivyemezo.
Uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro iwe Kayleigh McEnany yagiriza ibinyamakuru n'abo mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi (Démocrates) ko barangwa n'uburyarya.
Ati: "Igihe Perezida Trump yatsinda amatora mu 2016 atowe mu buryo bukurikije amategeko, benshi barondeye kumwambika ibara, kumutesha agaciro, kumwaka uburenganzira no guhakana intsinzi yiwe. Ariko ntitwigeze twumva abasaba ko haba ubumwe, nta n'abo twumva basaba ugusanasana imitima".
"Mu gihe rero amajwi yemewe n'amategeko akiriko araharurwa, ntitwibagire ibibazo Perezida Trump yaciyemwo mu 2016 mu bikorwa vy'ikiringo mfatakibanza (transition), canke mbere kitanabayeho, hamwe n'ivyo yagiye acamwo mu kiringo cose c'imyaka ine amaze ku butegetsi".
Ni iyihe ntambwe ikurikira ya perezida?
Inyuma y'urukurikirane rwo gutsindwa mu masentare mu rugamba rwo kwiyamiriza ivyavuye mu matora, abajejwe amatora ba Bwana Trump bizeye ko bazoshobora kugondoza inama nshingamateka zo mu maleta akomeye zigenzurwa n'aba Repubulika bagenzibe bagahakana ivyavuyemwo maze bakemeza ko ari Bwana Trump yayatsinze, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru bitari bike vyo muri Amerika.
Bwana Trump avuga kandi ko yipfuza gutumako muri Maison Blanche abashingamateka bo muri leta ya Pennsylvania, iyindi leta yarwanirwa cane ariko ikaza gutsindira Bwana Biden, nk'uko umwe mu bajejwe imyiyamamazo yiwe yabibwiye ikinyamakuru CBS News gisanzwe gikorana na BBC.
Hagati aho, nta nama nk'izi zitegekanijwe muri iyi minsi ibiri y'impera z'indwi, mu gihe bitegekanijwe ko izi ntara zibiri zizokwemeza ivyavuye mu matora ku wa mbere.
Hari icizere gike cane ko abantu biwe bashobora guhindura ivyavuye mu matora muri Michigan na Pennsylvania.
Kandi n'aho vyobaye ibibashobokera, Bwana Trump yotegerezwa guhindura amajwi y'iyindi leta kugira ngo ashobore gusumvya Biden mu bitigiri vy'intumwa z'itora.
Umukuru w'abakenguzamateka b'abarepubulika Mike Shirkey hamwe n'umukuru w'inama nshingamateka Lee Chatfield bo muri Michigan bompi batangaje ivyemezo bitandukanye n'iyi nzira ya Trump, ni inyuma y'inama bari bavuyemwo muri Maison Blanche.
Aba bategetsi bo mu mugambwe w'Abarepubulika basanzwe bava muri leta Biden yatsinzemwo amajwi ashika 154.000 - bavuze ko ibiganiro vyabo bitari vyerekeye imigambi ya Bwana Trump yo guhindura ivyavuye mu matora, ko ahubwo bibanze ku bijanye na Covid-19.
Mu nyuma y'aho, Bwana Shirkey na Chatfield basohoreye itangazo hamwe aho bavuga bati: "Gushika ubu nta makuru ayo ari yo yose turabwirwa ajanye no guhindura ivyavuye mu matora yabereye i Michigan kandi nk'abarongoye inama nshingamateka, tuzoshira aho intahe ishize kandi dukurikize amategeko ku vyerekeye abatora i Michigan, nk'uko twamye tubivuga mu gihe cose c'amatora".
Abo mu mugambwe w'aba Democrates bagiriza Bwana Trump ko ariko akoresha ubutegetsi afise mu kugerageza gutera igitsure abashingamateka ngo bahindure ivyavuye mu matora kugira ngo bagene intumwa z'itora nshasha, zitezwe gukorana ku wa 14 z'ukwezi kuza kwa 12.
Ni ibiki vyabaye muri Georgia no mu yandi maleta makuru makuru?
Inyuma yo gusubiramwo guharura n'iminwe, ejo ku wa gatanu umutegetsi w'umuRepubulika yahagarariye iryo harura yaremeje burundu intsinzi ya Bwana Biden.
Umunyamabanga mukuru w'iyo leta Brad Raffensperger yavuze ati: "Nk'abandi Barepubulika. Ndababaye, umukandida wacu yarushijwe amajwi muri Georgia".

Ahavuye isanamu, Reuters
"Jewe ngendera ku civugo kivuga ko ibiharuro bitabesha".
Muri iyo leta, Bwana Biden yarushije Perezida Trump amajwi 12.670 aca aba umukandida wa mbere yitoreza kuba umukuru w'igihugu ku ruhande rw'umugambwe w'aba Democrate atsinze muri iyo ntara kuva kuri Bill Clinton mu 1992.
Aho rero ni mu gihe utwigoro twa Trump n'abiwe mu yandi maleta makuru makuru yahiganirwamwo cane dusa n'uko atacavuyemwo.
Muri Arizona, umucamanza yaranse urubanza rwatanzwe mu ndwi iheze n'umugambwe w'aba Repubulika muri iyo leta washaka ko basubiramwo guharura mu karere ka Maricopa muri Phoenix - umugwa mukuru w'iyi leta.
Muri Pennsylvania, Trump n'abiwe baratsinzwe mu rubanza bariko barondera ko amajwi arenga 2000 yatowe mu buryo bwa posita atoharurwa.










