Ethiopia: Basaba ko intambara zihagarara muri Tigray, ingabo za leta ziriko zisatira

Ahavuye isanamu, Reuters
Amashirahamwe y'abagiraneza asaba impande ziriko zitana mu mitwe muri Ethiopia ko zihagarika intambara kugira bashobore gushikira abanyagihugu bazibiwe n'intambra bakeneye imfashanyo.
Ishirahamwe ONU risaba ko hugururwa amayira yocishwamwo imfashanyo inyuma y'indwi zibiri z'intambara hagati y'igisirikare ca Ethiopia n'ingabo za leta y'akarere ka Tigray.
Abantu baharurwa mu majana nibo boba bamaze kuhasiga ubuzima.
Ejo ku wa gatanu, leta ya Ethiopia yatangaje ko yigaruriye ibisagara vya Axoum (Aksum) hamwe na Adwa.
Leta ivuga ko abarwanyi bahanganye n'ingabo z'aka karere muri ibi bisagara bamanitse amaboko bakishikana.
Hagati aho, aya makuru ntaremezwa n'uruhande rwigenga mu gihe bigoye kuronka amakuru y'ibibera muri ako karere kubera amatelefone n'ubuhinga ngurukanabumenyi bidakora kuva intambara yadutse.
Aksum ni kimwe mu bisagara bikomeye mu karere ka Tigray, eka n'igisagara kiri mu misozi ca Adwa naco nyene kikaba gifatwa ko gikomeye cane.
Mu ntango z'iyi ndwi, ingabo za leta zari zigaruriye ibindi bisagara bibiri muri Tigray - Shire na Raya - umushikiranganji wa mbere Abiy Ahmed akaba yatangaje ko igisirikare c'igihugu cariko cegereza umugwa mukuru w'iyi ntara, Mekelle.
Gushika ubu, Ethiopia ntiyumva na gato ivy'ibiganiro vyo guhagarika iyi ntambara, ikavuga ko ibikorwa vya gisirikare vyerekeye kugarukana ubutegetsi mu karere.
Iyi ntambara ifise amamuko mu cuka kibi kimaze igihe kirekire hagati y'umugambwe urongoye intara ya Tigray, Tigray People's Liberation Front (TPLF), hamwe na leta ya Ethiopia.
Ibintu vyagiye kwunyuka gusumba igihe Bwana Abiy yungururije amatora yategerezwa kuba mu kwa gatandatu kubera ikiza karanda ca coronavirus. TPLF ifata ko leta y'igihugu iteye kubiri n'amategeko, ikavuga ko ikiringo ca Bwana Abiy carangiye.
Ingene ibintu bimeze
Amashirahamwe y'abagiraneza ntashobora gushika mu turere tuberamwo intambara, ariko hari ubwoba ko abasivire baharurwa mu bihumbi boba bamaze kuhasiga ubuzima kuva yaduka mu ntango z'uku kwezi kw'icumi na rimwe.
Impunzi zirenga 33.000 nizo zimaze kujabuka urubibe zihungira muri Sudani, mu gihe ishami rya ONU ryitaho impunzi rivuga ko ryiteze kwakira abashika ku 200.000 mu mezi atandatu ari imbere mu gihe izi ntambara zobandanya.
Ejo ku wa gatanu, umugambwe TPLF waragirijwe ko wateye ibisasu vya rokete mu gisagara ca Bahir Dar co mu ntara ya Amhara ihana urubibe na Tigray. Leta ya Amhara ivuga ko atabakomeretse canke ngo bahasige ubuzima, kandi ko ata vyononekaye.
Hagati aho, hari ubwoba ko ibi vyabaye muri Amhara, intara isanzwe ipfa urubibe na Tigray, bishobora gutuma iyi ntambara ikwira hose inyuma y'aho leta ya Amhara irungikiye ingabo zayo gufasha ingabo z'igihugu.










