Amatora ya USA 2020: Trump na Obama barashinyagurizanya mu myiyamamazo

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump n'uwo yasubiriye Barack Obama, bateranye amajambo mu gihe bari mu myiyamamazo basa n'abahanganye.
Mu gihe yari mu myiyamamazo yo kwamamaza uwitoza kw'izina ry'abaharanira Demokarasi Joe Biden muri leta ya Pennsylvania, Bwana Obama yagereranije Bwana Trump "nk'intovyi" avuga ko yahaye ikibanza ivanguramoko rishingiye ku rukoba.
Muri Carolina y'Uburaruko, Perezida Trump wo mu mugambwe w'aba Repubulika yashinyagurije Bwana Obama amwagiriza ko yabeshe ku bijanye n'ivyavuye mu matora yo mu 2016.
Mu gihe hasigaye iminsi 13 ngo aya matora abe, Bwana Biden niwe abandanya aza imbere mu biharuro ngereranyo mu gihugu cose.
Ariko itandukaniro ni rito cane mu maleta makeya abonwa nka ntahomfatwa, ariko ashobora kuba ariyo afise urupfunguruzo rw'uwuzotsinda mu matora ategekanijwe ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe.
Mu matora y'uno mwaka, abashika imiliyoni 42 nibo bamaze gutora imbere y'itariki y'amatora nyezina, baba abaciye mu buryo bwa posita canke bakishikira ku biro vy'amatora ubwabo, igitigiri kitari bwigere kibaho.
Trump yavuze ngw'iki?
Ku mugoroba w'ejo ku wa gatatu, umwanya hafi wose Bwana Trump yamaze ariko ariyamamaza mu karere ka Gastonia, yahagaze cane ku mukeba wiwe w'umu Democrate.
Yavuze ko abatora bafise inzira zibiri zo guhitamwo, hagati "y'intwari Trump izobafasha kwikakamura", canke "Biden azobata mu manga".
Bwana Biden amaze indwi ata myiyamamazo ariko arakora mu ntumbero yo kwitegurira ikiganiro hagati y'aba bariko barahiganwa gitegekanijwe kuri uyu wa kane mw'ijoro mu gisagara ca Nashville muri leta ya Tennessee, mu gihe Trump wewe abandanya imyiyamamazo mu maleta akomeye.
Perezida Trump yarifatiye mu gahanga Bwana Obama haciye hafi isaha yinjiye muri ino myiyamamazo ubwa mbere kuva mu kwa munani.
Bwana Trump yabwiye abanywanyi biwe bavuza induru igihe cose acishije mu kanwa abahoze ari abakeba biwe ati: "Nta muntu n'umwe yiyamamarije imburakimazi Hillary Clinton nka Obama, sivyo? Aho ugiye hose wamusangayo".
Yongeyeko ati: "Umuntu wenyene yababaye gusumba imburakimazi Hillary muri iryo joro yari Barack Hussein Obama."

Ahavuye isanamu, Reuters
Bwana Trump yarifatiye mu gahanga bwana Obama ku bivugwa ko mu ntango yoba atishimiye ko Bwana Biden aserukira umugambwe w'aba Democrates muri ano matora y'umukuru w'igihugu, kandi yahoze ari icegera ciwe.
Mu 2016, bivugwa ko Bwana Obama yateye igitsure Biden amubwira ko yokuramwo akarenge kugira ngo Hillary Clinton abe ari we yitoza ku giti c'umugambwe w'aba Democrates, yibaza ko yari afise amahirwe menshi yo gushobora gutsinda Bwana Trump.
Mu mwaka uheze, Bwana Obama yavuze ko hari hakenewe "amaraso mashasha" mu burongozi bw'umugambwe w'aba Democrates, ivyafashwe n'abatari bake ko ari igitutsi kuri Biden.
Obama yavuze iki?
Amaze kwifatira mu gahanga Bwana Trump ku kungene afata coronavirus n'ubutunzi bw'igihugu, Bwana Obama igihe yari muri Philadelphia yarahindukiriye ivyo Perezida yandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter.
Yavuze ati mu gihe Biden yotsinda "ntituzoba tugifise umuperezida igihe cose yama ariko aratuka umuntu uwo ari we wese atamushigikiye, canke akamutera ubwoba ko azomupfunga. Iyi siyo ngendo nyayo iranga umukuru w'igihugu".
Bwana Obama - umunyapolitike yahoze ari umukuru w'igihugu abandanya kuba mu bantu bakunzwe cane mu mugambwe w'abaharanira Demokarasi - avuga ko abatora batazoshobora kwihanganira inyifato nk'iyo, "kiretse kumbure intovyi zinyegeje ahantu".
Ati: "Kubera iki abantu bashigikira ivyo bintu? Ariko mugabo kandi... ivyo ni ... ivyo ni vyo vyiwe...oya, ni...oya n'ukuri! Erega ivyo akora bifise ingaruka".
"Bitera ubugome mu bantu. Bicanishamwo kandi bigatera amacakubiri. Kandi vyerekana ivangura. Vyonona imico y'igihugu cacu".
Yongeyeko ati: "Burya inyifato irafise ikibanza cayo. Ubuntu burafise ikibanza cabwo".
Ku bijanye n'ikiza karanda, Bwana Obama yagize ico avuga ku kungene Bwana Trump afata minenerwe Covid-19, ati: "Donald Trump ntabwo ashoboye kudukingira twese. Iyumvire umuntu adashobora no gufata ingingo nkenerwa zo kwikingira we nyene ubwiwe!"
Ahejeje kuvuga ivyo, imodoka zishika 280 zaciye zikwiragira hose zivuza amahona mu gushimagiza ayo majambo ya Obama anegura Trump.
Bitegekanijwe ko Bwana Obama abandanya imyiyamamazo muri leta ya Florida ifise ikibanza kidasanzwe mu biraba amatora, aho ku wa gatandatu azoshika i Miami hanyuma mu ndwi iza ashike mu gisagara ca Orlando.










