Korea y'Uburaruko yerekanye vya bisasu vya misire birasa kure ICBM mw'idefire ya gisirikare

Kim Jong-un

Ahavuye isanamu, Reuters

Ejo ku wa gatandatu, Korea y'Uburaruko yakoze idefire y'ijoro, ibidakunze kuba, ikaba yari yitabwe n'umukuru w'iki gihugu Kim Jong-un.

Iyi defire yari iyo guhimbaza imyaka 75 y'umugambwe w'Abakozi.

Korea y'Uburaruko irakunze gukoresha amadefire mu kwerekana za misire nshasha n'ibindi birwanisho bishasha. Abahinga bavuga ko vya bisasu vya misire birasa kure, Missiles ballistiques intercontinetaux, vyerekanywe muri iyo defire.

Niyo defire ya mbere ibaye mu kiringo c'imyaka ibiri kandi mu gihe hasigaye indwi nkeya ngo amatora y'umukuru w'igihugu muri Amerika abe.

Korea y'Uburaruko ntiyari bwigere yerekana misire zirasa kure kuva Perezida Donald Trump na Bwana Kim bahuye mu mubonano waboi wa mbere mu 2018.

Igisirikare ca Korea y'Ubumanuko kimenyesha ko iyi defire yabaye mu gicugu c'ejo ku wa gatandatu. Igituma yateguwe ayo masaha ntikiramenyekana.

Nta binyamakuru vyo hanze canke abanyamahanga bari bemerewe kwitaba ibi birori.

Muri iyi defire. mu bantu bose bari bayitavye nta n'umwe yaboneka yambaye agapfukamunwa

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Muri iyi defire. mu bantu bose bari bayitavye nta n'umwe yaboneka yambaye agapfukamunwa

Mw'ijambo ryiwe, Bwana Kim yavuze ko Korea y'Uburaruko izobandanya "ikomeza" igisirikare cayo kugira ngo "yirwanire yongere yikingire".

Yavuze kandi ko yishimiye kubona atamunyagihugu wa Korea y'Uburaruko arigera yandura Covid-19.

Ati: "Nipfurije amagara meza abantu bose bo kw'isi yose bahanganye n'amabi y'uwu mugera ruburakigongwe".

Kim Jong-un avuga ko ata n'umwe arandura Covid-19 muri Korea y'Uburaruko

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kim Jong-un avuga ko ata n'umwe arandura Covid-19 muri Korea y'Uburaruko

N'aho avuga ko ata mugera wa coronavirus urangwa muri ico gihugu, Bwana Kim abandanya akora amanama n'abategetsi bo hejuru kugira ngo ingingo ruhasha zibandanye zikurikizwa.

Hagati aho, abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko hatabuze abanyakoreya y'Uburaruko boba baranduye coronavirus.

2px presentational grey line

Igiteye amakenga

Umwihwezo wa Alistair Coleman, BBC Monitoring

Kim Jong-un yahejeje ijambo ryiwe atera akamo ati "ni harambe igihugu cacu" ariko ahejeje kwemanga ko igihugu gihanganye n'ibibazo vy'ubutunzi.

Ariko uravye ibikoresho vya gisirikare vyariko biracanacanako mu kibanza citiriwe Kim Il-sung, birerekana ko hakoze uburyo bwinshi mu gisirikare ca Korea y'Uburaruko.

Abihweza ibintu n'ibindi bakurikiranye ibi birori ku mbuga ngurukanabumenyi bariboneye abasirikare bafise ibirwanisho bishasha, hampande y'ibindi bikoresho vyo gucungera ikirere n'ibimodoka vya gisirikare.

Ariko, igiteye ubwoba cane amahanga ni ibi bisasu bishasha birasa kure, Missiles ballistiques intercontinetaux, ICBM.

Ubwa mbere haje Pukguksong 4A, ubwato buterera misire mu mazi, hanyuma ikurikirwa n'igisasu kinini cane kirasa kure, Missile Ballistique intercontinental, kiri ku modoka ikoreshwa mu kuyirungika.

Korea y'Uburaruko yamaze umwaka uheze mbere n'uwurenga ivuga ko ishobora gukomeza ubushobozi bwayo bw'ukwimbura ubutare bw'ubumara, vyumvikana rero ko mu kwerekana iyi ICBM nshasha ejo ku wa gatandatu yashaka gushimangira ubu butumwa. Buri muntu aribaza iyo umugambi wo gutsimbazata amahoro n'imigenderanire muri ico kigwa ca Korea uzoherera.

2px presentational grey line

Nta muntu n'umwe yari yambaye agapfukamunwa muri iyo defire, ariko hari abantu bake bari muri yo ugereranije n'abategerezwa kuba bahari muri kahise, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Korea y'Uburaruko yugaye imbibe zayo mu kwa mbere kugira ngo izibire Covid-19 yari igisibije mu gihugu kibanyi c'u Bushinwa.

Abategetsi bavugwa ko boba batanze itegeko ku basirikare bari ku mupaka "kurasa" kandi ko bashinze akarere ntagendwa kugira ngo ntihagire n'umwe yinjira mu gihugu.

Amasanamu y'ibigendajuru yerekana abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bamaze indwi zitari nke bitegurira iyi defire

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Amasanamu y'ibigendajuru yerekana abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bamaze indwi zitari nke bitegurira iyi defire

Mu kwezi guheze, Bwana Kim yarasavye imbabazi Korea y'Ubumanuko ku muntu wayo yarashwe. Korea y'Ubumanuko yatangaje ko umugabo w'imyaka 47 yafashwe n'abasirikare ari mu mazi yo muri Korea y'Uburaruko. Yaciye araswa arapfa ikiziga ciwe gica kiraturirwa, nk'uko bivugwa n'abategtsi ba Korea y'Ubumanuko.

Amasanamu y'ibigendajuru yerekana abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bamaze indwi zitari nke bitegurira iyi defire y'ejo ku wa gatandatu.

Abategetsi b'abanyamahanga i Pyongyang (umugwa mukuru wa Korea y'Uburaruko) bategetswe kwirinda ingendo zo mu gisagara, hafi y'ahabera ibi birori kandi bakirinda gufata amasanamu yavyo.