Nigeria: umugabo yaciriwe urwo gupfa yagiriwe n’icaha co kwica abagore icenda

Ahavuye isanamu, JOSHUA EZEDIKE
Sentare nkuru yo mu gisagara ca Port-Harcourt mu bumanuko bwa Nijeriya yaciriye urwo gupfa umugabo yagiriwe n'icaha co kwica abagore, abiciye mu mahoteri atandukanye.
Gracious David West yahagaritswe mu kw'icenda kw'umwaka uheze yagirizwa kugandagura abo bagore mu vyumba vy'amahoteri, ivyateye umujinya abanyagihugu.
Abajejwe amatohoza bavuga ko yagandaguye abagore icenda bose hagati y'ukwa gatandatu n'ukw'icenda umwaka uheze wa 2019.
Yagomvye kwica uwugira icumi ariko Imana irakinga.
Sentare yaciye ifata ingingo y'uko amanikwa akicwa.
Ubushikirizamanza bumenyesha ko bwishimiye iyi ngingo "itunganirije abanyagihugu".
Hagati aho, iyo sentare yejeje umugore ajejwe ihoteri yari yiketswe ko yakingiye ikibaba ubu bwicanyi.
Ababuranira West bavuga ko bazokwunguruza urubanza.
Hari impari ku biranga abo bagore bagandaguwe, n'ingene yashoboye kubashikana mu mahoteri.
Ariko abajejwe amatohoza bavuga ko yabahendahenda, akiyita umusikirare mukuru maze akabemerera ko abaha amahera menshi. Yabaha ibiyayuramutwe mu nyuma agaca abaniga.
Igipolisi kimenyesha ko West yemeye ko hari n'abandi bagore batandatu yiciye mu burere bwa Abia, Imo, Edo, Lagos na Edo, ariko akaba ata gihano yabiherewe kubera ata vyemezo bashoboye kuronka.
Abategetsi bavuga ko uyu mugabo yabanza kubasambanya ahejeje agaca ababoha amaguru n'amaboko akoresheje amashuka.
Abenshi muri aba bagore bari babeshejweho no kudandaza imibiri yabo.
Umwe mu bishwe, Jennifer Nwokocha, avugwa ko yari yashitse muri ico gisagara avuye i Lagos agiye mu munsi mukuru wo kwigina amavuko yiwe.

Ahavuye isanamu, NIGERIA POLICE
Umwe mu bakoze amatohoza yabwiye BBC ati: "Bahuriye mw'ihoteri yarimwo, mbere barasangira nibinyobwa, barahana amanomero, hanyuma baza gusubira guhura mw'ijoro ari ho yaciye agandagurwa".
Igipolisi kivuga ko yabanza kubatera ubwoba n'imbugita kandi akanabazibira umunwa kugira ntibavuze induru.
Imbere y'uko abica, yabanza kubatwara amahera yose, amakarata ya banki hamwe n'ibindi bintu vy'agaciro baba bafise.
Chidi Ekeh umushikirizamanza muri iyo ntara yabwiye BBC ati: "Twasanga bari gusa, amaguru, amaboko n'izosi biboheshejwe igitambara cera".
"N'aho ata vyemezo nyavyo ko yakora ubwo bwicanyi ku mvo z'ibigirwamana, jewe kubwanje mbona ko bifitaniye isano".
West yahagaritswe igenekerezo rya 19 z'ukw'icenda umwaka uheze mu gihe yariko agerageza gutoroka ava mu gisagara ca Port Harcourt abonye ko yagira afatwe n'inyamiramabi zariko zimuhigisha urushinge.
Amasanamu ya ya makamera akoreshwa mu gucungera umutekano, CCTV, yagiye kumwerekana avuye mw'ihoteri, maze aca akwiragizwa ku mbuga hwaniro.
Abajejwe umutekano bagiye kumufatira mu modoka yunguruza abantu, afatirwa mu karere kagendwa mu minota 45 ka Uyo mu ntara ya Akwa Ibom.
Igipolisi kivuga ko David-West yakorana n'umurwi w'inkorabara witwa Greenlanders uzwi kandi nka Dey Gbam, ukorera mu ntara ya Niger-Delta muri ico gihugu ca Nijeriya isanzwe irangwamwo igitoro cinshi.

Kivuga kandi ko aba bagore yabatwara mu mahoteri azimbutse, kandi adacungerewe neza kandi atanafise ya makamera asuma urusaku, CCTV, muri ico gisagara ca Port Harcourt.
Abamuzi babwiye BBC ko yavutse ari umwe mu muryango w'umugabo afise abagore benshi, ariko ko we na nyina wiwe batandukanye n'abandi bagize uwo muryango bakaba baba ukwa bonyene.
Ubu bwicanyi bwakorwa na West bwateye umujinya abanyagihugu, amashirahamwe aharanira inyungu z'abakenyezi nayo biba ngombwa ko asaba igipolisi co cokingira abagore.
Umwe mu barokotse?
Benita Etim w'imyaka 23 umwigeme abeshejweho n'ukugurisha umubiri, niwe yashoboye kurokoka uyo mwicanyi.
Mu kiganiro yagiranye na BBC mu kw'icenda umwaka uheze, yariganye ingene yahuye n'umugabo ku wa 18 z'ukwa munani akamubohera mu cumba mw'ihoteri.
Avuga ko yabanje kumufata ku nguvu hanyuma amutera ubwoba n'imbugita aca amubohera ku ntebe.
Ati: "Yatabuye ishuka akuramwo imigozi maze ambohera amaguru n'amaboko ku ntebe, ikindi gitambara naco agikoresha mu kunzibira umunwa.
"Naravugije induru ariko n'umwe yanyumvise kuko yari yuguruye televiziyo n'ijwi rinini cane kandi imoteri y'amatara y'iyo hoteri nayo ikaba yari hafi y'iki cumba".
"Naramutakambiye nti ndagusavye ntunyice".
Aha rero ,niho yaciye afata terefone arasohoka, ntiyagarutse.
Abakozi b'ihoteri bagiye kumubona bukeye yashoboye kwiyambura agatambara yari yamuboyesheje umunwa maze akoma induru ariho baca baja kumutabara.










