USA - China: Isi yoba yinjiye mu yindi ntambara y'ukwikekana?

Trump na Xi Jinping

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump (i bubamfu) na Xi Jinping (i buryo)

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ihimbaje isabukuru y'imyaka 75 mu gihe isi irangwa n'icuka kibi giteye amakenga inyuma y'intambara ya kabiri y'isi.

Ugukorana hagati y'ibihugu kuri mu ngorane zikomeye, nk'uko Ban Ki Moon yahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU yavyerekanye.

Politike mpuzamahanga ya Perezida Donald Trump, iyo yise "America First" (Amerika ubwa mbere), yatumye Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziyonkora mu masezerano mpuzamakungu, kuva ku masezerano ya Paris ajanye n'ibidukikije gushika ku masezerano yerekeye umugambi wa Irani wo guhingura ubutare bw'ubumara.

Aha rero ni mu gihe Ubushinwa buriko burashinga imizi nk'incuti nshasha y'ishirahamwe ONU.

Ubushinwa ntibukorera ubusa, nimba buriko buratanga amahera menshi mu mashirahamwe yegukira ONU, aha twovuga nk'ishirahamwe rijejwe amagara y'abantu kw'isi, bica vyumvikana ko buzotegerezwa kurondera guhabwa ijambo rikomeye muri ONU.

Umunyamabanga mukuru wa ONU , Antonio Guterres, yagarutse ku kintu gikomeye catumye ONU ibaho. Ati: " Abatanguje ONU bari bazi akamaro k'ugushira hamwe, kuko bari bavuye mu ntambara inyuma y'imyaka yaranzwe n'ikiza karanda".

Muri iyi nama yabereye ku buhinga ngurukanabumenyi, haribonekeje impungenge nyinshi ku cuka kibi kiri hagati ya Amerika n'Ubushinwa ku bijanye n'umutekano w'isi.

Umukuru w'igihugu c'u Bufaransa wewe ntiyahishije intuntu yiwe mw'ijambo yashikirije, aho avuga ko isi ya kino gihe idashobora kwizizirwa n'ubushamirane hagati y'Ubushinwa na Amerika.

Ubu bushamirane, bwatumye ibi bihugu bihangana ku mpande zose, buriko burarenga inkombe - Perezida Trump nawe aza kuvyunyura, mu gukoresha amajambo akarishe mu kwiyamiriza ico yita umugera w'Ubushinwa.

Mu gihe hasigaye iminsi idashika 40 ngo habe amatora muri Amerika, intambara yo kurwanya Ubushinwa niyo shimikiro ry'imyiyamamazo ya Trump.

Trump ashikiriza ijambo ryiwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Ubu rero hari urugamba rwo kwagiriza Ubushinwa ko ari bwo bwateye iki kiza karanda ca covid-19 mu gihugu, aha mu ntumbero yo gukwepa ivyo yagirizwa ko atavyifashemwo neza mu kurwanya umugera wa coronavirus.

Hari abafise amakenga ko muri kino gihe iyi isi isa n'iyigabuyemwo kubiri, aho Amerika n'Ubushinwa bariko bapfa ubugabo, ko bishobora gutuma ibi bihugu vyisanga mu ntambara ya gisirikare.

Umunyamabanga mukuru wa ONU atewe impungenge n'iki kintu kiturindiriye, akagabisha ko isi ishobora kwisanga yasubiye kwinjira muri ya ntambara y'ukwikekana (Guerre Froide/Cold War).

Antonio Guterres ati : « Turiko dutera tuja habi cane. Isi ntishobora kwemera ko kazoza kubakirwa ku bihugu bibiri bitunze gusumba ibindi ari vyo vyasubiriye kwigarurira isi ukwavyo, aho kimwe kizoba gifise amategeko yaco, haba muvyo ubutunzi canke muvyo ubuhinga bwa none".

"Ubutandukane mu vyo ubuhinga bwa none/ikoranabuhanga n'ubutunzi kw'isi, vyanse bikunze, bushobora gutuma haba imishamirano ya gisirikare. Ibi dutegerezwa kubirwanya uko dushoboye kwose".

Iki kiyago cuguruye ku ngaruka mbi zishobora kuva kuri kuno "kutumvikana kweruye " kirerekana ingene isi iriko irahinduka ku muvuduko ukomeye n'ingene ibihugu bigenda vyipanga.

ONU i New York

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, niyo nama ya mbere ya ONU yabereye ku buhinga bwa none

Eka mbere n'umukuru w'igihugu c'u Bushinwa Xi Jinping muri ico kiyago cakorewe ku buhinga bwa none yavuze ko "Ubushinwa ata mugambi bufise bwo kuja mu ntambara y'urwikekano canke ya gisirikare n'igihugu ico ari co cose".

Aya majambo yarerekanye ikintu gihishije. Ubutegetsi bwa Donald Trump bwaratumye imishamirano n'Ubushinwa imera nabi cane, ubu abantu bakaba bibaza amaherezo yavyo.

Umunyamabanga mukuru wa ONU yahamagariye ibihugu gukorera hamwe kugira ngo birwanye iki kiza ca coronavirus.

Ati: "Abantu barahanzwe, isi yacu iriko irasha", anasaba abategetsi b'isi ko iki kiza ca Covid-19 cobakangura, kandi bagatahura ko kiri mu bindi bibazo biri imbere.

Ariko rero igitangaje, ata n'isaha irarangira Bwana Guterres asavye ko ibihugu vyose vyoja hamwe ku nyungu za bose, Perezida Trump yaciye avyonona, avuga ko abategetsi b'isi bakwiye kumwigana bagashira inyungu z'ibihugu vyabo imbere.

Mu gihe yosubira gutorwa, biboneka ko politike yiwe y'ukwitandukanya yokwiyongera gusumba, hakaba hari n'ubwoba ko Amerika yokwirengagiza ONU gusumba.

Hari ubwoba kandi ko ishobora no kutubahiriza ivyo yiyemeje mu muryango wo kurwaniriza umwansi hamwe OTAN uhuza ibihugu vyo mu burengero.

Mu gihe Joe biden ari we yotorwa, biboneka ko hashobora kuba agahengwe hagati y'Ubushinwa na Amerika, ariko bitabujije ko uguhangana hagati yavyo gusanzwe kuhari kuva kera kubandanya.

Isi iriko ifata uwundi murongo, ikibazo ubu kihari kukaba ari ukumenya ni nde azoba ari hejuru.