Burundi: Umugambwe CNL uvuga ko abawo bariko barapfungwa ikivunga ku karenganyo

Umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi uvuga ko abanywanyi bawo benshi bamaze gupfungwa kuva aho abitwaje ibigwanisho batanguriye gutera Uburundi, mu gihe uvuga ko ataho bahuriye n'abo bakora ivyo bitero.

Agathon Rwasa arongoye CNL yabwiye BBC ko abo mu butegetsi bavuga ngo "abarobere ntibaza mu Burundi CNL itabizi, itabirimwo", bikaba impamvu yo guhohotera abanywanyi babapfunga.

Gushika mu ndwi iheze CNL ivuga ko abantu bayo barenga 50 bari bamaze gupfungwa, mu gihe gupfunga n'abandi bavuga ko bibandanya hirya no hino mu gihugu.

Kuva kuwa mbere w'iyi ndwi, BBC yagerageje kuvugana n'ubushikiranganji bujejwe ubutungane hamwe n'ubujejwe umutekano, gushika ubu ntibirashoboka.

Umugambwe CNL watsinzwe amatora y'umukuru w'igihugu n'ay'abashingamateka yabaye mu mezi aheze, ufatwa nk'umukeba akomeye w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.

Bwana Rwasa agira ati: "Dutangazwa rero nuko abitwa ko boba barateye bemanga ivyo bintu mugabo bakaja gufata aba CNL kandi ataho duhuriye navyo."

Bururi hafunzwe abarongoye CNL bose

Bwana Rwasa avuga ko abarongoye CNL mu ntara ya Bururi mu ndwi iheze bakoze inama ku murango, aho basanzwe bayikorera ariko baza kwagirizwa gukora inama mu buryo butemewe n'amategeko.

Ati: "Ku munsi wa mbere baciye bafata babiri mu nyuma baja guhiga n'abandi, ubu abahagarariye umugambwe mu makomine yose [ya Bururi] barapfunzwe.

Abo n'abandi bose ba CNL bamaze gupfungwa muri ico bo bita uruhigi, Bwana Rwasa avuga ko bakorerwa irementanya ariko benshi ntibanashikirizwe ubutungane.

Umushikiranganji ajejwe ubutungane ntiyasubije BBC ku cifuzo co kumubaza ku bivugwa na Bwana Rwasa, we avuga ko niba hari abantu bakoze ibitero bidakwiye kubazwa "abantu bitekaniye ngo ni uko gusa utabiyumvamwo."

CNL ivuga ko hafi abantu 100 bayo bapfunzwe mu ndwi zidashika zibiri ziheze.

CNL yipfuza iki?

Bwana Rwasa yabandanije agira ati: "Ico dusaba ni uko umwe wese yokubahirizwa mu burenganzira bwiwe, bakumva ko Uburundi atari ubw'aba CNDD-FDD gusa, n'uwundi Murundi uwo ari we wese afise uburenganzira yaba ari mu mugambwe canke atari mu mugambwe.

"Kandi ko ata muntu yozizwa umugambwe arimwo kuko umuntu aja mu wo ashaka."

Bwana Rwasa, yagize amajwi 24% mu matora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa gatanu, asaba ko ata Murundi akwiye kurementanirizwa kandi uwagirizwa icaha akwiye kugezwa muri sentare.

Ati: "Mugabo ibihimbano ngo abarobere ntibaza mu Burundi CNL itabizi itabirimwo, CNL si yo ijejwe umutekano, si yo ijejwe imbibe, no mu ntwaro ntiturimwo, intwaro bayigungiyeko bibananiye nibemere ko bibananiye mugabo bareke guhohotera abantu."

Uruhande rujejwe umutekano hamwe n'ubutungane ntaco bishuye BBC ku bivugwa na CNL.