Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia: Alexei Navalny, wa mukeba wa Putin yahabwa isumu, ngo agiye gusubira mu gihugu
Wa munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Uburusiya Alexei Navalny agiye gusubira mu gihugu nk'uko bivugwa n'umuvugizi wiwe.
Aciye ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Kira Yarmysh yanditse ati: "Ni ibintu bintangaza igituma hari aboba biyumvira ukundi".
Ku ruhande rwiwe, Bwana Navalny nawe yerekanye isanamu yiwe ku rubuga rwa Instagram, ubwa mbere kuva ahawe isumu, avuga ko ahema neza atarinze gufashwa n'ivyuma.
Amagara yamukitse igihe yari mu ndege ava mu karere ka Siberia ku wa 20 z'ukwezi guheze, ibipimo bikaba vyerekanye ko yari yahawe isumu yitwa Novichok.
Yaciye asimbanwa mu bitaro Charité vyo mu gisagara ca Berlin mu Budagi.
Abo basanzwe bakorana bavuga ko yahawe iyo sumu kw'itegeko rya Perezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, ivyiyamirizwa n'ibiro vyiwe bivuga ko ico gihugu ata ruhara kibifisemwo.
Umupfasoni Yarmysh ati: "Umwanya wose mu gitondo c'uno munsi abamenyeshamakuru baguma bambaza ngo 'nivyo koko ko Alexie ategura gusubira mu Burusiya'?"
"Nsubiye kubimenyesha buri wese: nta yindi nzira yigeze yiyumvirwa".
Iri tangazo ryaje haciye akanya gato Bwana Navalny yanditse ubutumwa bwiwe kuri Instagram.
Yanditse ati: "Ndabaramutsa, uyu ni Navalny. Ndabakumbuye cane. N'ubu nta kintu kinini kirahinduka, ariko ejo narashoboye guhema jenyene umunsi wose".
"Jewe jenyene, na kindi kintu nifashishije, nta na wa muringoti mu muhogo wanje. Vyarandyoheye cane".
Hanze y'ibitaro ariko aravurirwamwo, hariho abapolisi bakeya, nk'uko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC yari ahari.
Avuga ko ku bwinjiriro hari abapolisi babiri bafise inkoho, hamwe n'imodoka y'igipolisi ihamaze igihe.
Hari amakuru atangazwa n'ibimenyeshamakuru vy'Ubudagi ariko ataremezwa neza, avuga ko hanze y'icumba arwariyemwo hoba hari imirongo y'abapolisi, eka n'igitanda ciwe ngo kikaba gicungerewe.
Hagati aho, Uburusiya bwanse umubonano hagati ya Bwana Navalny na Bwana Putin, mu gihe uyu munyapolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi yoramuka akize.
Itororokanirizo ry'amakuru Interfax risubiramwo amajambo y'umvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu Dmitry Peskov avuga ati:
"Ntitubona akamaro k'uwo mubonano, rero nizeye ko umubonano nk'uwo utazobaho".
Ingene yahawe iyo sumu
Bwana Navalny ni umunyapolitike ahanganye cane na Perezida Putin, akagiriza ubutegetsi bwiwe ko burangwa n'igiturire.
Abanywanyi ba Bwana Navalny bemeza ko yahawe icayi kirimwo iyo sumu igihe yari ku kibuga c'indege ca Tomsk ku wa 20 z'ukwezi kw'umunani.
Yagiye gufatwa ari mu ndege, biba ngombwa ko iyi ndege yururuka vyihuta ku kibuga c'indege c'ahitwa Omsk.
Inyuma y'iminsi ibiri, abategetsi b'Uburusiya bashoboye kwemera ko arungikwa mu Budagi.
Mu 2018, iyi sumu ya Novichok yarakoreshejwe mu gushaka kwica uwahoze akora mu biro vy'igendereza vy'Uburusiya Sergei Skripal, n'umukobwa wiwe mu gisagara ca Salisbury mu Bwongereza.
Aba bompi bararokotse ariko uwundi mugore yakorakoye iyo sumu, Dawn Sturgess wewe yahavuye yitaba Imana.
Ubwongereza bwaragirije urwego rwa gisirikare rujejwe igendereza mu Burusiya ko ari rwo rwakoze ico gitero.
Ibihugu 20 vyaciye vyirukanye abakora mu biro vy'ubuserukizi hamwe n'abakora mw'igendereza vy'Uburusiya barenga 100.
Hagati aho, Moscou ivuga ko ata ruhara yigeze igira muri ivyo vyashikiye Bwana Navalny.