Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: Emmanuel Sinzohagera yatorewe kurongora Inama nkenguzamateka
Sinzohagera Emmanuel niwe yatowe kuri uyu wa 25/08/2020 ngo arongore inama nkenguzamateka nshasha y'u Burundi, akaba asubiriye Reverien Ndikuriyo yahora ayirongoye.
Aba bakenguzamateka bashasha bari basanzwe mw'ikoraniro rya mbere ku ngoro y'inama nkenguzamateka i Gitega, kuva ku wa 20 z'uku kw'umunani, ryari rirongowe na Kurisansuma Jean Bosco, umukenguzamateka akurira abandi mu myaka, nk'uko amategeko abivuga.
Mu bakenguzamateka 39 bari bahari, Bwana Sinzohagera yatowe ku majwi 38, umwe niwe atagize ico abivugako.
Abakenguzamateka bemeje kandi Njebarikanuye Spes Caritas yahora ari icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nkenguzamateka yahahora akaba ari we yatowe kuba icegera ca mbere ku majwi 38 kuri 39 batoye.
Nshimirimana Cyriaque nawe yatowe mu ntara ya Ruyigi niwe yatowe kuba icegera ca kabiri c'umukuru w'inama nkenguzamateka. Abatowe bose bava mu mugambwe CNDD-FDD.
Umukenguzamateka Emmanuel Sinzohagera ni umupasitori mw'ishengero rya Methodiste Uni, akaba yatowe mu ntara ya Bujumbura.
Yari asanzwe kandi ari mu barongoye umugambwe Cndd-Fdd, akaba yari umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe ibibazo vy'iterambere kuva mu 2016 igihe uyu mugambwe utunganya gushasha inzego zawo.
Mu kurongora iyo nama nkenguzamateka, Bwana Sinzohagera asubiriye umukenguzamateka Révérien Ndikuriyo yahora ayirongoye kuva mu 2015.