Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: Abantu 100 bamaze kwandura Ebola yongeye kwaduka
Ishami ry'umuryango w'abibumbye ryita ku buzima (OMS/WHO) rivuga ko umubare w'abamaze kwandura indwara ya Ebola yongeye kwaduka muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo wazamutse ukagera ku bantu 100.
Uwo mubare ukubye kabiri umubare w'abarwayi ba Ebola bari babonetse mu byumweru bitanu bishize.
Abantu ba mbere banduye iyi Ebola nshya babonetse i Mbandaka, umujyi mukuru w'intara ya Équateur, mu burengerazuba bw'igihugu.
Ebola ubu imaze gukwirakwira muri ako karere.
OMS ivuga ko iri kugorwa no guhangana n'iyi ndwara kuko abaturage yibasiye bo muri ako karere batuye mu mashyamba y'inzitane, kenshi batuye batandukanyijwe n'intera ya kilometero zibarirwa mu magana.
Iyi ni inshuro ya 11 Ebola yadutse muri DR Congo.