Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Mali: Perezida Ibrahim Boubakar yahiritswe ku butegetsi n’abasirikare aranapfungwa
Umukuru w'igihugu ca Mali, Ibrahim Boubakar Keïta, yafashwe n'abasirikare bagumutse nk'uko umuvugizi wa leta, Yaya Sangaré, yabibwiye BBC
Umushikiranganji wa mbere Boubou Cissé nawe nyene yafashwe, n'aho mu ntango hari hasabwe ko haba ibiganiro nk'abavukana.
Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri niho haba ibokorwa vyo gushaka gutembagaza ubutegetsi vyatanguye mu kurasana mw'ikambi ikomeye iri mu karere kitwa Kati ku birometero 15 uvuye ku mugwa mukuru w'ico gihugu Bamako.
Ku mugwa mukuru, insoresore zaturiye inyubakwa ya leta.
Ivyo vyabaye haciye amasaha makeya gusa umurwi w'abasirikare wigumuye - aho abasirikare bakuru bakuru bahagaritswe n'abo basirikare bari barakaye.
Uwo mugumuko uriyamirizwa n' Umuryango w'ibihugu vya Afrika y'uburengero (CEDEAO/ECOWAS) hamwe n'u Bufaransa bwahoze bukoronza ico gihugu.
Ibi bibaye mu gihe hari imyiyerekano yindi yariko iratumwako yo kwiyamiriza umukuru w'igihugu bamusaba ko atanga imihoho.
Bwana Keita yatsinze amatora yo mu 2018 kugira arongore ikiringo kigira kabiri, ariko ahanganye n'uburakari bw'abanyagihugu kubera ibiturire, isesagurwa ry'amatungo ya leta hamwe n'umutekano ubandanya uba nabi kubera abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu.
Ntibiramenyekana igitigiri c'abasirikare bari muri iyo migumuko. Hari amakuru avuga ko yoba yavuye ku mpari zijanye n'agashahara kabo.
Umuryango w'ibihugu vya Afrika y'uburengero (CEDEAO/ECOWAS) usaba abagumutse gusubira mu makambi yabo.
Umushikiranganji w'imigenderanire w'u Bufaransa Jean Yves Le Drian avuga ko Ubufaransa bwiyamiriza « bikomeye ibintu biriko biraba », nawe nyene akaba asaba abasirikare bagumutse gusubira mu makambi yabo.
Ubufaransa busanzwe bwararungitse ingabo muri ico gihugu co muri Afrika y'Uburengero kurwanya imirwi y'abarwanyi b'idini rya Isilamu.
Ireresi yerekanywe n'itororokanirizo ry'amakuru AFP yerekana inyubakwa yegukira ubushikiranganji bw'ubutungane ku mugwa mukuru Bamako iriko irasha.
Mu gatondo k'uko munsi, umuhungu w'umukuru w'igihugu Karim Keïta, yari yahakanye amakuru yavuga ko nawe yari yafashwe n'abasirikare bagumutse.
Umukuru w'ishirahamwe ry'Ubumwe bw'igihugu vya Afrika Moussa Faki Mahamat ariyamiriza bikomeye ihagarikwa rya Perezida Ibrahim Boubacar Keita, umushikiranganji wa mbere n'abandi bashikiranganji ba leta, agasaba ko bose barekurwa vuba bwango.
Atera akamo Umuryango w'ibihugu vya Afrika y'uburengero (CEDEAO/ECOWAS), ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'isi yose gushira hamwe inguvu bakiyamiriza ikoreshwa ry'inguvu iryo ari ryo ryose mu gutorera inyishu ikibazo ca Mali.