Donald Trump ati: Gutora hakoreshejwe posita bizotuma Amerika yiha amenyo y’abatwenzi

Perezida Trump ararwanya amatora hakoreshejwe uburyo bwa posita

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Perezida Trump ararwanya amatora hakoreshejwe uburyo bwa posita

Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika abandanya yiyamiriza amatora hakoreshejwe uburyo bwa posita, avuga ko bushobora gutuma igihugu "ciha amenyo y'abatwenzi".

Ibi abivuze mu gihe ishirahamwe rijejwe amaposita muri Amerika (USPS) rigabisha ko amakarata y'itora ashobora kudashika ku gihe mu matora yimirije mu kwa cumi na rimwe uno mwaka.

Igitigiri c'abashaka gutora kitari bwigere kiboneka biteze gutora bakoresheje ubwo buryo bwa posita bivuye ku kiza karanda ca coronavirus.

Umuyobozi w' ishirahamwe rijejwe amaposita asanzwe ari soma mbike na Perezida Donald Trump aranegurwa ko yikwega mu gukora.

Abo mu mugambwe w'aba Démocrates, harimwo mbere n'uwahoze arongoye ico gihugu, Barack Obama, bagiriza Perezida Trump ko arwanya uburyo bwa posita mu ntumbero yo "gutesha agaciro amatora".

Perezida Trumpyamye asemerera ko ugutora hakoreshejwe uburyo bwa posita bishobora gutuma amatora abamwo ubusuma ku nyungu za Joe Biden w'umu Démocrate basanzwe bahiganwa.

Hagati aho, abahinga bavuga ko ubwo buryo bwo gutora hakoreshejwe posita, na Trump we ubwiwe asanzwe akoresha, ata tunenge bufise.

Nancy Pelosi umukuru w'inama nshingamateka ariko araba ingene yohamagaza inama hakiri kare kugira ngo bihweze impinduka zakozwe mu gisata c'amaposita n'ingaruka zishobora kugira ku matora ategekanijwe ku wa 03 z'ukwa cumi na rimwe, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Hari intara nkeya zimaze kumenyesha gushika ubu ko zizotora zikoresheje uburyo bwa posita, ibi bikavuga ko abatora bazorungikirwa ikarata y'itora imbere y'uko amatora aba - kandi zimwe muri izo ntara zabiteguye imbere y'iki kiza.

None Trump avuga iki neza na neza?

Mu kiganiro yaraye agiranye n'abamenyeshamakuru ku mugoroba w'ejo ku wa gatandatu, Perezida Trump avuga ko ata ngorane afise ku bijanye no gutora umuntu atarinze kwishikira ku biryo vy'itora, kuko nawe niko abigenza.

Ariko yongeyeko ati: "Amatora aciye mu buryo bwa posita azodukoza ibara, azotuma igihugu ciha amenyo y'abatwenzi kw'isi".

Abandanya ati: "Ingorane ya mbere ni uko utazigera umenya igihe amatora azorangirira".

Abandanya avuga ko bishobora gufata amezi canke imyaka kugira ngo ibizova mu matora yo mu kwa cumi na rimwe bimenyekane kuko kubw'iwe, "amakarata y'itora azotakara, kandi ayo azoba agiye".

Yabwiye ikinyamakuru Fox News ko yahagaritse amahera agenewe igisata c'amaposita gisanzwe kiri mu ngorane z'uburyo, kubera adashigikiye aya matora hakoreshejwe uburyo bwa posita.

Yagiriza abo mu mugambwe w'aba Démocrates basanzwe ari abakeba ko ari bo ntandaro yo kudashika ku masezerano mu ntumbero yo guha amahera igisata ca posita.

Ati: "Ubu rero bakeneye ayo mahera ngo posita ishobore gukora kugira ngo ishobore gushikana aya mamiliyoni n'amamiliyoni y'amakarata y'itora".

"Ubu rero, nimba badashatse ko tugira amasezerano, aya mahera ntayo bariko bararonka, vyumvikana ko ata vyo amatora hakoreshejwe uburyo bwa posita bazigera babona".

Abo mu mugambwe w'aba Démocrates baranegura bikomeye Perezida Trump kuri iki kibazo ca posita, bakabona ko ari uburyo bwo kurondera kwiba amatora.

Muri bo harimwo Nancy Pelosi na Chuck Schumer arongoye umurwi w'inkehwa z'aba Démocrates mu nama nkenguzamateka, bompi bagiriza Trump ko ariko ategura "amayeri yo gutoba amatora".

Mu minsi iheze, Perezida Trump yasavye ko amatora yokwunguruzwa gushika coronavirus itujijwe kugira abantu bashobore gutora ata ngorane, ivyamiriwe kure.