USA: Donald Trump asaba ko amatora yo mu kwa 11, 2020 yunguruzwa

Ahavuye isanamu, EPA
Perezida Donald Trump asaba ko amatora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe mu kwa cumi na rimwe uno mwaka muri Leta zunze Ubumwe za Amerika yunguruzwa.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, Perezida Trump avuga ko mu gihe biriko biboneka ko abenshi bashobora gutora bakoresheje uburyo ngurukanabumenyi ibi bishobora gutuma haba ubusuma n'utunenge, bigatuma ibizoyavamwo bitizerwa.
Asaba ko yokwunguruzwa gushika aho abanyagihugu bazoshobora gutora "neza kandi batekaniwe".
Nta vyemezo bihari ko iki ciyumviro gishikirijwe na Trump gishigikiwe, ariko kuva kera yamye arwanya amatora hakoreshejwe uburyo bwa email, akavuga ko ivyo bishobora gutuma haba ubusuma.
Intara zitari nke za Amerika ziripfuza kworohereza abantu mu gutora babokresheje uburyo bwa Email kubera ibibazo vy'amagara y'abantu bitewe n'ikiza karanda ca coronavirus.
Muri ubwo butumwa bwa Tweet, avuga ko "uburyo bwo gutora hakoreshejwe Email" bushobora gutuma amatora yo mu kwa cumi na rimwe ashobora kurangwamwo "utunenge n'ubusuma ku buryo butari bwaboneke muri kahise" kandi "bigatera ingorane nini cane Leta Zunze Ubumwe za Amerika".
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Mu ntango za kuno kwezi, intara zitandatu za Amerika zariko zitegura amatora "hakoreshejwe Email" mu kwa cumi na rimwe, izo nazo zikaba ari California, Utah, Hawaii, Colorado, Oregon na Washington.
Muri izi ntara, abiyandikishije gutora bose bazorungika amajwi yabo bakoresheje uburyo bwa posita, n'aho hari aho hari abemerewe gushika ku bibanza vy'itora ubwabo mu bice bikeya.
Hafi igice c'intara za Amerika ziremerera uwo ari we wese yiyandikishije ngo azotore abicishije mu buryo bwa posita mu gihe abisavye.
Abanegura ubwo buryo bavuga ko abantu benshi bashobora gutora incuro zirenze imwe.
Trump yamye avuga ko ivyo bishobora gutuma habaho "abantu ibihumbi n'ibihumbi biyicariye mu cumba ahantu, bakarungika amajwi yabo irya n'ino".
Hagati aho, nta kintu na kimwe cerekana ko hoba ubusuma, nk'uko ivyigwa vyakozwe imyaka itari mike ku rwego rw'intara n'igihugu vyagiye bivyerekana.










