Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Barcelona: Gerard Pique avuga ko hakenewe impinduka zikomeye inyuma y'agasuzuguro ka nijoro
Inyuma y'igihe kitari gito Barcelona yiganje mu mupira w'amaguru, haraciye igihe itsindwa mu buryo buteye isoni, ivyaraye bibaye nijoro vyo yo bikaba ari agahomerabunwa.
Urukino rwa nijoro rwayihuje na Bayern Munich mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere I Bulaya (Uefa Champions League), aho Barça yaraye ikubiswe ibitsindo 8 kuri 2 vyatumye Gerard Pique avuga ko ari ngombwa ko haba impinduka zikomeye muri uyo murwi.
Uyu mukinyi w'inyuma w'imyaka 33, yashoboye gufasha Barcelona gutsindira ibikombe 20 mu myaka 12 avuga ko bibaye ngombwa "ari we azoba uwa mbere kuva muri uyo murwi" mu gihe wobona ko ari co gikenewe.
Barcelona yaraye itsinzwe mu buryo butari bwigere buyishikira ku mugabane wa Bulaya kuva igihe kitari gito, inyuma y'ihiganwa ryo mu gihugu hagati La Liga ryagiye kurangira Barça itakaje igikombe catahiye Real Madrid.
Pique ati: "N'ukuri twaraye twigonze ku rutare".
"Ntabwo ari ubwa mbere, canke ubwa kabiri, canke ubwa gatatu. Ntabwo turi mu nzira nziza."
Abandanya avuga ati: "Abamenyereza n'abakinyi baragenda hakaza abandi, ariko mvugishije ukuri haraciye igihe kirekire tudafise inguvu z'ugushobora guhangana n'iyindi mirwi ku rugero rw'umugabane w'Ubulayi".
"Nibaza ko twese hamwe dutegerezwa kwicara tukiyumvira hagati yacu icokorwa ku neza y'umurwi. Ibitubayeko ntibishobora kwihanganirwa".
"Biragoye cane kwemera ariko nibaza ko bizodufasha kwiyumvira icokorwa, kuneza yacu twese".
"Umurwi wacu ukeneye impinduka. Sindiko mvuga umumenyereza canke abakinyi, ariko umurwi wose muri rusangi ingene utunganijwe bitegerezwa guhinduka".
"Turakeneye amaraso mashasha kugira ngo ibintu bihinduke, kandi bibaye ngombwa, noba uwa mbere kuva mu murwi".
Harategekanijwe amatora y'umukuru w'umurwi muri Barça mu 2021 kugira ngo barondere uwusubirira Josep Maria Bartomeu.
Umumenyereza wa Barcelona Quique Setien yagiye mu gice ca kane gishira ica nyuma muri Champions League ibintu bitameze neza na gato kuri we, inyuma y'amezi indwi yose yari amaze kuva mu kwa mbere asubiriye Ernesto Valverde umurwi ukaba utavyifashemwo neza muri ico gihe cose.
Abajijwe ivyerekeye kazoza k'umurwi n'ivyari bihejeje gushikirizwa na Pique, Quique Setien yishuye ati: "Si nshobora kuvuga igikenewe mu murwi, urazi ko maze amezi make cane".
"Nimba Gerard avuga ko hakenewe impinduka zikomeye, aya ni amajambo akomeye cane. Harageze ko twihweza ibintu tugafata ingingo zikomeye kugira ngo twubake kazoza".
Abajijwe nimba ikibazo ciwe gikenewe kwigwa nk'umumenyereza wa Barca, avuga ati: "Nibaza ko ubu nyene hakiri kare cane kuvuga nimba nzoguma mu murwi canke nzogenda. Ikiriho ni uko ibiba atari jewe ndabituma".
"Ni ngombwa ko twese hamwe turabira hamwe igikenewe gukorwa, tukanigira hamwe ibintu vyose vyatumye tumaramara uku".
Ni nde ashobora gusubirira Setien?
Amahirwe yo kubandanya amenyereza uyu murwi inyuma y'ibara waraye ubonye i Lisbone ni make cane, mu gihe hari amakuru abandanya azunguruka avuga ko Barça yoba yaramaze gufatna ingingo yo kumwirukana.
Chris Sutton yahoze akinira umurwi Blackburn Rovers mbere uyu murwi ugatsindira ihiganwa ry'u Bwongererza mu 1995 isumbije Man U inote rimwe rudende, yabwiye radiyo BBC Radio 5 Live ati: "Aragenda nta gisivya, ntashobora kubandanya".
"Ntushobora kumaramazwa gutya nk'umumenyereza wa Barca. Ibibaye ni agasuzuguro karenze urugero".
Mu bantu bavugwa ko bashobora kumusubirira, harimwo Mauricio Pochettino yahoze amenyereza Tottenham, hamwe na Ronald Koeman yahoze amenyereza Everton.
Koeman, umumenyereza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubuholande 2018, yamaze imyaka itandatu akinira Barça hagati ya 1989 na 1995, mu gihe Pochettino amaze igihe atakazi afise kuva yirukanywe muri Tottenham mu kwa cumi na rimwe 2019.
Umwanditsi w'umunya Espanye mu bijanye n'umupira w'amaguru, Guillem Balague , avuga ati: "Pochettino nta kazi afise kandi ni umuntu azi neza uyo murwi".
"Umukuru w'umurwi Josep Maria Bartomeu na Pochettino basanzwe ari abagenzi".
Kuva Setien atanguye kumenyereza uyo murwi mu kwa mbere uno mwaka, ntiyiyumviswemwo n'abantu benshi muri uyo murwi, mu gihe abakinyi bakomeye muri uyo murwi harimwo na Lionel Messi batigeze biyumvamwo ubuhinga yashaka kuzana mu murwi.
Nibwo bwa mbere Barça itsinzwe ibitsindo umunani mu rukino rumwe kuva mu 1946 igihe Sevilla iyitera ibitsindo 8-0.