Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umunyamuziki Neil Young, yitwariye Trump kubera akoresha umuziki wiwe atabimusavye
Neil Young yitwariye abajejwe imyiyamamazo ya Donald Trump ariko yiyamamariza ikindi kiringo kubera bakoresha umuziki wiwe batamusavye uruhusha.
Uyo muririmvyi rurangiranwa wo mu mudiho wa rock avuga ko uyo mukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yahonyanze amategeko akingira umuziki mu gukoresha indirimbo ziwe mu myiyamamazo n'amakoraniro ya politike.
Uyo mucuraranzi akomoka muri Canada yanse ko babandanya bakoresha indirimbo ziwe Rockin' in the Free World na Devil's Sidewalk kubera ico yise "isekeza ry'ubujuju n'urwanko, ibintu bitari mu mico y'Abanyamerika".
Abajejwe imyiyamamazo ya Trump ntaco barashikiriza kuri ivyo birego.
Young yavuze ko yitwariye Bwana Trump amwagiriza ko yakoresheje umuziki wiwe kuva mu 2015, ariko akinumya "n'ibigirankana".
Uyo mucuraranzi, ubu afise ubwenegihugu bwa Amerika inyuma yo kuba muri iki gihugu imyaka iharurwa muri za mirongo, arasaba indishi y'amadolari agera ku 150.000 aho hose bagiye bakoresha umuziki wiwe.
Aha harimwo ikoraniro rya Trump i Tulsa mu ntara ya Oklahoma mu kwa gatandatu, hamwe n'urugendo Trump yagize kuri Mount Rushmore mu kw'indwi.
indirimbo ijanye n'icivugo
Muri ino dosiye bashize ku rubuga ngurukanabumenyi rw'uyu mucuraranzi, abunganizi ba Young banditse bati: "Uru rubanza ntirufise intumbero yo gusuzugura uburenganzira n'ivyiyumviro vy'abanyagihugu ba Amerika kuko ni uburenganzira bwabo gushigikira umukandida bipfuza".
"Hagati aho, nyene kwitwara ntashobora kwemerera ko umuziki wiwe ukoreshwa nk' 'indirimbo y'icivugo' mu ntumbero yo kubiba amacakubiri, 'ingendo y'ubujuju n'urwanko, ibintu bitari mu mico y'Abanyamerika".
Uyu mucuraranzi w'imyaka 74 siwe munyamuziki wenyene ashavuriye Perezida Trump kubera akoresha indirimbo ziwe.
Mu kwezi guheze, umurwi The Rolling Stones wo mu Bwongereza waragabishije Perezida Trump ko ashobora kwitwarirwa mu butungane mu gihe yobandanya akoresha imiziki yabo mu myiyamamazo yiwe.
Abanyamuziki Mick Jagger na Keith Richards baragiye hamwe n'abandi banyamuziki barimwo Aerosmith na Elton John mu gutera igikumu ku rwandiko bandikiye abanyapolitike babahamagarira kubanza gusaba uruhusha imbere y'uko bakoresha imiziki yabo mu myiyamamazo n'amakoraniro ya politike.
Ishirahamwe rishinzwe guharanira uburenganzira muvyo umuziki, BMI, rivuga ko impusha zitangwa ku bijanye n'ikoreshwa ry'umuziki mu biteramo n'ayandi makoraniro, zitaraba amakoraniro ya politike.
Abakora imyiyamamazo ya politike bategerezwa gusaba uruhusha rusabwa n'amashirahamwe ya politike (Political Entities Licence) rubaha uburenganzira bwo gukoresha indirimbo zishika imiliyoni 15. Rero abajejwe imyiyamamazo ba Trump urwo ruhusha ntarwo bafise.
Ariko abacuraranzi bafise uburenganzira bwo gukura indirimbo zabo kuri urwo rutonde. The Rolling Stones barabikoze, ariko Young ntatomora nimba nawe yoba yarabikoze.