Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
India - Coronavirus: 10 bapfuye banyoye imiti yica imigera kubera urudandazwa rw'inzoga rwahagaritswe
Abantu n'imiburiburi nibo bapfuye banyoye ya miti yica imigera inyuma y'aho amaduka adandada inzoga yugariwe mu karere ko mu Buhindi mu ntara ya Andhra Pradesh.
Akarere ka Kurichedu kugawe inyuma y'aho ibitigiri vy'abanduye umugera wa coronavirus bidugiye ku buryo buteye ubwoba.
Umukuru w'igipolisi muri ako karere, Siddharth Kaushal, avuga ko abo bantu bafashe iyo miti bayivanga n'amazi hamwe n'inyobwa zitaboreza, maze bagatangura kwihereza uwo muvango.
Avuga ko abo bantu bamaze kuba abja b'inzoga ku buryo batazironse ata kintu bashobora gukora, kandi ko bari bamaze iminsi hafi cumi banywa uwo muvango.
Bwana Kaushal yabwiye abanyamakuru ati: "Turiko turakora amatohoza kugira ngo tumenye nimba ata yindi sumu yari muri iyo miti yica imigera".
Avuga ko barungitse ibipimo vy'iyo miti mu bigo bijejwe gupima kugira ngo babikorereko ivyigwa.
Bwana Kaushal yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati: "Hari abantu bamaze kuba abaja b'inzoga bari bagize iminsi binywera iyo miti yica imigera ku rugero ruteye ubwoba".
"Ubu nta nzoga ziboneka kuko ibintu vyose vyahagaze kubera umugera, ariko iyi miti yica imigera yoyo iboneka ku bwinshi".
Leta y'u Buhindi yaruguruye hafi ibikorwa vyose kugira ngo igihugu ntikigwe mu bibazo bikomeye mu vyo ubutunzi.
Mu ntango z'iyi ndwi, yatangaje ko amazu akora ingororamubiri na za yoga ashobora kwugururwa, kandi ko n'ingingo zishobora kugenda zitezurwa kugira ngo uruja n'uruza rw'abantu n'ibintu rusubire kubandanya.
Hagati aho, hari intara zitari nke zigikomeje ingingo za guma mu rugo mu burere bumwe bumwe bitumwe n'ibitigiri vy'abandura umugera bibandanya vyiyongera.
Ibitigiri vy'abanduye coronavirus mu ntara ya Andhra Pradesh iri mu bumanuko bw'u Buhindi, vyariyongereye incuro icenda mu kwezi guheze.
Muri rusangi, mu masaha 24 yonyene, abantu bangana na 55.000 mu Buhindi nibo banduye umugera mu gihugu, mu gihe 779 bapfuye, bituma ibitigiri vy'abamaze guhitanwa na coronavirus bagera kuri 35.700.