Megan Thee Stallion 'yakomeretse arashwe', bigasa nk'uko yakomeretse ku kirenge

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuririmvyi wa rap wo muri Amerika Megan Thee Stallion yavuze ko "ashima kuba akiri muzima" nyuma yo kuraswa mu kirenge, ariko nta vyinshi yavuze kuri ivyo bikomere hamwe n'uko vyagenze.
Uyu muririmvi w'indirimbo ikunzwe cane Savage, yavuze ko "yagize ibikomere arashwe" kuwa Mungu kandi bikaba vyitezwe ko atora mitende.
Hariho Video imwerekana bisa nk'uko ariko aravirirana ku kirenge igipolisi kimaze guhagarika imodoka irimwo n'uwundi muraperi Tory Lanez.
Uwo muraperi mu nyuma yagirijwe icaha co kugendana ikirwanisho kinyegeje. Igipolisi cavuze ko umuntu umwe yagize "igikomere ku kuguru".
Uwo muraperi yavukiye i Texas, mu bisanzwe yitwa Megan Pete, yagiye kw'isonga ry'abaririmvyi bakunzwe muri Amerika mu kwa gatanu kubera indirimbo yiwe Savage.
Iyo ndirimbo, yabaye iyikoreshwa cane n'abaja ku rubuga TikTok, yanashitse mu kibanza ca gatatu mu Bwongereza, kubera kuyisubiramwo hakajamwo na Beyonce.
Megan yanabaye umuraperi w'umugore yarushije abandi mu duhembo twa BET Awards mu kwezi guheze, arusha Cardi B, Nicki Minaj na Lizzo.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Vyari vyavuzwe ko yakomeretse ku kirenge akomerekejwe n'ikimanyu c'ikirahure mu vyabereye i Holliwood Hills, Lanez yafatiwemwo. Ariko yagiye kuri Instagram ejo kuwa Gatatu avuga ko "ashaka gushira vyose ku mugaragaro".
Yanditse ati "kuwa Mungu mu gitondo, nararashwe ku kirenge, kubera ububisha nakorewe mu ntumbero yo kungirira nabi".
"Sinigeze mfatwa, abapolisi banjanye kwa muganga aho nabazwe kugira bankuremwo amasasu.
"Ndashima cane kuba ndi muzima kandi bikaba vyitezwe ko nkira neza, ariko vyari ngombwa kuri jewe ko ntanga umuco ku vyabaye muri iryo joro ritari ryoroshe."
Yanditse kandi ati: "Ibi vyambayeko vyambereye icigwa gikomeye hamwe n'umuhezagiro unyegeje. Birambabaza kuba nararinze kubabara gutya kugira menye kwikingira."










