Urugomero kuri Nile: Igikorwa co kurwuzuza amazi catanguye - Ethiopia

Isanamu y'iyubakwa ry'urugomero

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Kwubaka urugomero, aha rugaragara mu kwa cumi na kabiri 2019, vyatanguye mu 2011

Etiyopiya yatanguye kwuzuza amazi mu bubiko bw'urugomero ruteje impari rwitwa Grand Renaissance ku ruzi Nile, nyuma y'umunsi umwe ibiganiro na Misiri na Sudani bivyaye ubusa, nk'uko abarongozi babivuga.

Umushikiranganji wa Etiyopiya ajejwe amazi, Seleshi Bekele, yemeje amasanamu aheruka yafashwe na satelite yerekana urugero rw'amazi ruriko ruraduga.

Etiyopiya ifata urwo rugomero rw'umuyagankuba nka ngirakamaro cane kw'iterambere ry'ubutunzi bwayo.

Ariko Misiri na Sudani, biri hepfo y'uruzi, bifise ubwoba bw'uko urwo rugomero runini ruzogabanya cane amazi bironka.

Ibiganiro bitoroshe vyatwaye imyaka vyarananiwe gushika ku mwumvikano w'ukuntu hamwe n'igihe ububiko bw'urwo rugomero bwotangura kwuzuzwa, hamwe n'urugero rw'amaze akwiye kurekurwa.

Uno munsi Bwana Seleshi yabwiye igitangazamakuru ca leta, EBC, ko kwuzuza amazi urwo rugomero vyatanguye, yongerako ati: "Kwubaka urugomero hamwe no kurwuzuza amazi bibera rimwe."

Ibi abivuze nyuma y'aho amasanamu ya satelite yafashwe hagati y'itariki 27 z'ukwa gatandatu ya 12 z'ukw'indwi, yerekaniye ko urugero rw'amazi ari mu rugomero rugenda ruriyongera.

Ayo masanamu yarateje ibishobisho muri Etiyopiya ku bw'urwo rugomero Grand Ethiopian Renaissance Dam (Gerd) rw'agaciro k'imiriyaridi zitanu z'amadolari ($5bn), ariko ateza umwitwarariko mu Misiri.

Urwo rugomero nirwatangura gukora ukuri kwamye, ruzoba ari rwo rugomero rw'umuyagankuba runini kurusha izindi zose muri Afrika, ruhe umuyagankuba abanye Etiyopiya bashika imiriyoni 65 kuri ubu atawo bagira.

Ariko Misiri, isanzwe ikura hafi y'amazi yose ikoresha mu ruzi Nile, itinya ko urwo rugomero ruzogabanya ayo mazi.