Ubwo OMS izoshobora guhangana n’ingorane z’uburyo Amerika niyiyonkora?

Inyuma y'aho Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika amenyeshereje ko agiye kwiyonkora mw'ishjirahamwe OMS rijejwe amagara y'abantu kw'isi, ibibazo ni vyinshi.

David Nabarro, intumwa idasanzwe mu bijanye na Covid-19 mw'ishirahamwe OMS, avuga ko ingingo ya Amerika yo kwiyonkora izotuma uyo muryango utakaza amafaranga atari make.

Muganga Nabarro yabwiye BBC ko ubu OMS isanzwe "ifise ubukene bw'amafaranga".

OMS isanzwe ironka amafaranga avuye mu ntererano zitegerezwa gutangwa mu buryo ngombwa canke ku gushaka, zigatangwa n'ibihugu biyigize hamwe n'amashirahamwe atari make yigenga.

Amerika yategerezwa gutanga ibice 20% mu ntererano ngombwa muri uno mwaka wa 2020 - nta n'urumeya yigeze itanga.

OMS isanzwe ifise ingorane z'uko hari ibihugu bitari bike biyiheraniye. Gushika ku wa 30/06 uno mwaka, yaronkejwe uburyo buri musi y'ibice 60% vy'intererano ngombwa muri uno mwaka.

Ariko biboneka ko intererano zitangwa ku gushaka ari zo zikomeye gusumba, nk'uko ibiharuro vyo mu 2018 bivyerekana, aho igice kinini c'amafaranga ikoresha cavuye muri iyo ntererano.

Muri uyo mwaka, izo ntererano zarenga imiliyaridi zibiri, aho Amerika ari yo yatanze menshi, yangana n'ibice 12%, mu gihe ishirahamwe rya wa mutunzi ruhebwa kw'isi, Bill and Melinda Gates Foundation, naryo ryatanze ibice 10% vy'intererano zitangwa ku gushaka.

Intererano zitanzwe ku gushaka zagiye zifata ikibanza kinini uko imyaka yagenda, zigashobora kuba kirumara gusumba muri kino gihe Amerika iriko irivumbura muri iryo shirahamwe,