Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus: Umukuru w'igihugu ca Ghana yifatiye ingingo ya Guma mu rugo
Umukuru w'igihugu ca Ghana, Nana Akufo-Addo, yifatiye ingingo ya guma mu rugo mu kiringo c'iminsi 14 ku mpanuro yahawe n'abaganga, inyuma y'aho umwe mu bamwegereye yapimwe agasanga yaranduye wa mugera coronavirus.
Iyo ngingo yamenyeshejwe mw'itangazo ryaraye risohowe na leta y'igo gihugu ejo ku wa gatandatu, rivuga riti: "Uno munsi nta mugera bamutoye, ariko yahisemwo iyi ngingo mu kwinengesera".
Iryo tangazo rivuga ariko ko Perezida Akufo-Addo azobandanya akora akazi muri ico kiringo cose, ariko akurikiza ingingo zose zijanye no kwikingira Covid-19.
Hagati aho, iryo tangazo ntirimenyesha nimba uyo muntu amwegereye ari umukozi canke ari uyo mu muryango wiwe.
Gushika ubu, igihugu ca Ghana giharurwamwo abanduye coronavirus 19.388, kikaba ari kimwe mu bihugu vyo munsi y'ubugaragwa bwa Afrika bifise ibitigiri binini vy'abanduye.
Muri abo, 117 barahitanywe n'iyo ndwara, nayo 14.330 nabo bakaba bayikize.
Icegera c'umushikiranganji w'ubudandaji n'amahinguriro muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika, Carlos Kingsley Ahenkorah, yaratanze imihoho hirya y'ejo ku wa gatanu kubera yarenze ku mategeko ya guma mu rugo inyuma y'aho apimiwe agasanga yaranduye.