Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Coronavirus: umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Zimbabwe yarengukishijwe yagirizwa ibiturire
Umushikiranganji w'amagara y'abantu wa Zimbabwe yarengukishijwe muri sentare yagirizwa kurya ibiturire mu gutanga isoko y'imiti n'ibikoresho vyo gupima umugera wa coronavirus.
Obadiah Moyo yahagaritswe ejo ku wa gatanu inyuma y'aho abatavuga rumwe na leta n'abakoresha imbuga hwaniro baneguriye bikomeye leta y'ico gihugu.
Bivugwa ko ikompanyi yo mu gihugu ca Hongrie yoba yararonkejwe isoko ry'imiliyoni 20 z'amadolari bidaciye mu nzira y'ukuri.
Leta ntaco iravuga kw'ihagarikwa rya Bwana Moyo.
Agize umushikiranganji wa kabiri yagirijwe kurya ibiturire muri leta ya Perezida w'ico gihugu, Emmerson Mnangagwa.
Bivugwa ko amasezerano n'iyo kompanyi Drax Consult, yari imaze amezi abiri ibayeho, yoba yabaye igisata kijejwe amasoko muri Zimbabwe kitagishijwe inama.
Mu ndwi iheze, umurwizatunga wo muri ico gihugu Delish Nguwaya azwi ko ari we aserukira Drax Consult muri Zimbabwe yarahagaritswe yagirizwa ko afise uruhara muri ubwo bunyonyezi.
Umumenyeshamakuru wa BBC i Harare Shingai Nyoka avuga ko iyo nkuru yatanguye kumenyekanira iciye ku mbuga hwaniro.
Abanyagihugu batanguye kwerekana amakenga yabo ku kungene umurwizatunga azwi cane mu manyanga yashoboye gushinga ikompanyi nshasha, agaca anaronka n'isoko y'amamiliyoni menshi yo kugura imiti n'ibikoresho - bimwe mbere ku biciro vy'ububeshi.
Ikinyamakuru ca leta Herald kimenyesha ko amasezerano yose n'ikompanyi Drax yahagaritswe.
Zimbabwe yemeza ko abashika 500 ari bo bamaze kwandura uwo mugera, harimwo na bane umaze guhitana, ariko amakuru avuga ko igitigiri coba kirengeye kure ico gitangazwa.
Ico gihugu kandi gihanzwe n'ibibazo vy'ubutunzi kuva imyaka itari mike, ikidogerwa ko igiturire ari co ciraye.