Burundi - Amatora: USA n’Ububirigi bashima uko yagenze

Ahavuye isanamu, VectorStock
Ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'Ububirigi birashima ituze ryaranze amatora yabaye ku wa 20 z'uku kwa gatanu mu Burundi.
Ivyo bivugwa n'abashikiranganji bajejwe imigenderanire y'ivyo bihugu n'ayandi makungu, aho bashimira Abarundi ku twigoro bagize mu gutegura aya matora.
Bavuga ko ibihugu vyabo vyiteguye gutsimbataza imigenderanire n'u Burundi, mu gihe hoshingwa leta ivuye muri aya matora, bagasaba abanyapolitike kwirinda ivyo vyose vyotuma umutekano uhungabana inyuma y'amatora.
Kuva hadutse indyane za polotike mu 2015, imigenderanire hagati y'u Burundi n'ibihugu bitari bike vyo mu Burengero bw'isi yaratosekaye, mbere bimwe birahagarika n'imfashanyo vyaha u Burundi, abategetsi bamwe bamwe b'u Burundi nabo bafatirwa ibihano.
Mw'itangazo yasohoye ku wa kane umunsi umwe inyuma y'aya matora, Philippe Goffin, umushikiranganji w'imigenderanire w'Ububirigi n'ayandi makungu, avuga ko ayo matora ari intambwe ikomeye mu gutsimbataza intwaro ibereye mu Burundi.
Asaba abanyapolitike b'u Burundi kwirinda imvugo canke ibikorwa vyosubiza inyuma intambwe igezweko ya demokarasi ivuye muri aya matora.
Abasaba kuganira kugira ngo habe icuka ciza inyuma y'aya matora, hanyuma ivyavuye muri yo bikubahirizwa.
Mike Pompeo, ajejwe imigenderanire ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika n'ayandi makungu asaba Abarundi kwirinda gusotorana. Avuga ko igihugu ciwe gikurikiranira hagufi ibiba mu Burundi.
Amerika kandi ihamagarira abahiganywe kwirinda kuja mu bwicanyi mu gihe batoshimishwa n'ibizoba vyavuye muri aya matora, ariko bakitura inzego zibijejwe.
Nayo mu kiganiro yahaye abanyamakuru, icegera c'umunyamabanga wa Amerika ajejwe Afrika mu bunyamabanga bw'imigenderanire, Tibor Naggi, avuga ko Amerika yiteguye gusubiramwo imigenderanire n' Uburundi mu gihe hoshingwa leta nshasha ivuye muri aya matora, igasubira kuba nk'uko yari imeze muri kahise.
CNDD-FDD ikomeza kuza imbere mu biharuro
Ibiharuro bimaze gutangazwa n'imirwi ijejwe amatora ku nzego za komine mu Burundi vyerekana ko umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi ari wo uza imbere muri ayo matora, yaba ay'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka canke ay'abahanuzi ba komine.
Ukurikirwa n'umugambwe CNL, ubwa gatatu hakaza umugambwe UPRONA.
Hari amakomine atari make umugambwe CNDD-FDD ufise amajwi arenga 80%, ahandi arenga 70%.
Komine Musigati yoyo yerekana ko uyo mugambwe waronse amajwi arenga 99%.
Hagati aho, hari ayandi makomine amwe amwe, harimwo amwe yo mu ntara za Bururi, Rumonge na Bujumbura, mbere na Mwaro ubwo busumbasumbane hagati ya CNDD-FDD na CNL atari umurengera mbere hamwe CNL ikaza imbere.
Umurwi ujejwe gutegura amatora utegekanya gushikiriza ibiharuro vy'imfatakibanza bizoba vyavuye muri ayo matora ku wa 25 canke ku wa 26 z'uku kwa gatanu, nk'uko ikirangamisi c'amatora kivyerekana.
Abajijwe ibijanye n'ibivugwa ko hari bamwe bavuga ko ibiharuro bimwe bimwe biriko bitangazwa n'imirwi ijejwe amatora ku nzego z'amakomine bitandukanye n'ivyavuye ku biro vy'amatora, Pierre-Claver Kazihise arongoye umurwi CENI avuga ko atavyo bazi, ko ababivuga bazoronka akaryo ko kuvyerekana muri sentare yubahiriza ibwirizwashingiro.
Ati: "Ibiharuro begeranya nivyo baba bakuye ku cegeranyo cavuye ku biro vy'itora.Rero ko vyoba bitandukanye, twebwe ntiturabibona. Aboba babibonye, bazoca babishikiriza sentare hanyuma nayo irabe koko ko bitandukanye".










