Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi - Amatora2020: Umurwi wa ONU ujejwe amatohoza utewe amakenga n’icuka kibi
Umurwi w'ishirahamwe ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi umenyesha ko imyiyamamazo ibandanya mu gihugu irangamwo ukutihanganiranira hamwe n'ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi bijanye n'ihohotera ry'agateka ka zina muntu.
Mw'itangazo wasohoye ejo ku wa kane, uwo murwi umenyesha ko muri kino kiringo c'imyiyamamazo habaye ugushamirana bikomeye hagati y'abanywanyi b'imigambwe CNDD-FDD na CNL, ivyatumye abantu bakomereka abandi bagapfa.
Uwo murwi wagiriza abanywanyi ba CNDD-FDD 'gukwiragiza amajambo y'urwanko no guhohotera abatavuga rumwe', mu gihe igitigiri kinini c'abanywanyi ca CNL, harimwo n'abazokwitoza kw'izina ry'uwo mugambwe be n'abazowuserukira mu guhagarikira amatora bahagaritswe bagapfungwa.
Uvuga ko abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi bakora amabi ntibigere bakorwako'.
Iryo tangazo risohotse inyuma y'aho leta y'u Burundi iherutse kwagiriza umugambwe CNL ko ari bo nkwezi y'amarere mu gutera abanywanyi b'umugasmbwe CNDD-FDD, ibiherutse gusubirwamwo n'umuvuguzi w'igipolisi.
Umugambwe CNL wamirira ivyo vyagiriji, ukagiriza urwaruka rw'umugambwe uru ku butegetsi, Imbonerakure, ko ari zo zitera umudugararo, ubutegetsi nabwo bukazikingira ikibaba.
Iryo tangazo rya ONU rivuga iki?
Mw'iryo tangazo, umurwi wa ONU ujejwe gukora amatohoza ku Burundi umenyesha ko wari wagabishije leta y'u Burundi n'amakungu ku bikorwa bibi biriko biraba muri kino kiringo c'amatora.
Uyo murwi wari wagabishije ko iburabuza ry'abatavuga rumwe n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu bishobora kuba inzitizi zikomeye mu gihe c'amatora.
Uwo murwi umenyesha ko hari utunenge twibonekeje mw'itegurwa ry'amatora cane cane mw'itangwa ry'amakarata y'itora hamwe n'intonde z'abazotora zitamanitswe, ibiteye amakenga ku bwigenge bw'umurwi ujejwe gutegura amatora.
Uwo murwi uvuga uti: "Kubona urwego rw'ubutungane ruriko rurakoreshwa mw'ihohotera ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi, ata ndorerezi z'amatora zigenga, n'uko atacizere kuri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro, bituma abatavuga rumwe n'ubutegetsi hamwe n'igice c'abanyagihugu babona ko amatora ashobora kuzokwibwa, maze ibizova mu matora bigashobora kutizerwa".
Usaba leta gufata ingingo zotuma uburenganzira bwa kiremwa muntu bwubahirizwa, ico cuka kibi naco kigahagarara kugira ngo Abarundi bashobore kuzokwizera ibizotangazwa ko vyavuye muri ayo matora.
Isaba kandi leta guhana abakora ibibi, "cane cane bamwe bamwe mu begereye umugambwe uri ku butegetsi, harimwo imbonerakure na bamwe mu bategetsi".
Uyo murwi uhamagarira abarongoye imigambwe gukora uko bashoboye kugira ngo bahagarike icuka kibi, bongere batorere umuti ibibazo hagati yabo babicishije mu nama n'ingingo.
Leta na CNL baragirizanya
Leta y'u Burundi yagiriza abanywanyi b'umugambwe CNL kudurumbanya umutekano w'amatora mu gushotora abo mu yindi migambwe, cane cane abo mu mugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi.
Ku ncuro zitatu kuva imyiyamamazo itanguye, umuvugizi w'igipolisi yaragirije uyo mugamwe ko ari wo nkwezi y'imishamirano ivugwa irya n'ino mu gihugu, yagirije umukuru wa CNL ko yahamagariye abanywanyi biwe gutera abo mu yindi migambwe, cane cane CNDD-FDD.
Ibirego nk'ivyo kandi ku mugambwe CNL vyarashikirijwe kandi n'umushikiranagnji w'intwaro yo hagati mu gihugu bagabisha ko badashobora kubandanya babihanganira.
Ku ruhande rwayo, CNL yoyo iramirira ibiyivugwako n'abo bategetsi b'igihugu, ikanabagiriza ko bakingira ikibaba abanywanyi b'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi bagirizwa ko ari bo ntandaro y'ingorane zose.
Terence Manirambona avugira uyo mugambwe aheruka kubwira BBC ko abo bategetsi bahengamiye ku mugambwe uri ku butegetsi, akavuga ko barenza uruhu rw'amaso ku mabi abanywanyi bawo bakorerwa n'abo muri CNDD-FDD, bamwe mu bategetsi n'abajejwe umutekano.
Avuga ko ibitero abanywanyi babo bakorerwa n'abo mu mugambwe uri ku butegetsi bituma haba ubuhangana n'imishamirano, aho hari abanyuruzwa bakaburirwa irengero, abandi bakicwa, ingaruka zavyo zikaba ari uko abanywanyi b'umugambwe CNL ari bo baca bahagarikwa bakongera bagafungwa.
Mu gihe hasigaye iminsi itanu ngo amatora y'umukuru w'igihugu, abashingamateka n'abahanuzi b'amakomine ategekanijwe ku wa 20 z'ukwa gatanu, abariko barondera kwitoza mu bibanza bitandukanye barabandanya kuzunguruka irya n'ino mu gihugu mu myiyamamazo izorangira kuwa Mungu igenenekerezo rya 17/05.