Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora mu Burundi: Batandatu ku ndwi batanguye imyiyamamazo
Uno munsi abazokwitoza mu matora ategekanijwe ku wa 20 z'ukwa gatanu, niho batanguza ibikorwa vy'imyiyamamazo mu mihingo itangukanye y'igihugu.
Mu bakandida indwi bazokwitoza ku rwego rw'umukuru w'igihugu batandatu muri bo bashoboye gutanguza ibikorwa vyo kwiyamamaza, umwe akaba amenyesha ko azotangura kwiyamamaza ejo ku wa kabiri.
Evariste Ndayishimiye azokwitoza kw'izina ry'mugambwe CNDD-FDD yugururiye ibikorwa vyiwe muri komine Bugendana y'intara ya Gitega asanzwe avukamwo, imigambwe ishika kuri 27 yahisemwo gushigikira uwo mugambwe ikaba yari yagiye kumushigikira.
Ku ruhanderwiwe, Agathon Rwasa azokwitoza kw'izina ry'mugambwe CNL yatanguriye ibikorwa vyiwe ku kibuga ca Muremera ku mugwa mukuru w'intara ya Ngozi nawe nyene asanzwe avukamwo.
Leonce Ngendakumana azokwitoza kw'izina ry'umugambwe Frodebu hamwe na Dieudonné Nahimana azokwitoza kugiti ciwe batanguriye ibikorwa vyabo mu gisagara ca Bujumbura, muri Karitiye Kinama kuruhande rwa Frodebu hamwe no muri komine Muhakuri kuri Bwana Nahimana.
Domitien Ndayizeye azoserukira urunani Kira Burundi yatanguje ibikorwa vyiwe mu ntara ya Muramvya, mu gihe Gaston Sindimwo azoserukira umugambwe Uprona yatanguriye imyiyamamazo yiwe muntara ya Mwaro.
Uwitashoboye kwugurura ibikorwa vyiwe uno munsi ni Francis Rohero avuga ko azovyugurura ejo ku wa kabiri.
N'aho ivyo bikorwa vyashoboye gutangura, hari ibibazo vyagiye vyibonekeza irya n'ino, vyagenda bibuza abanywwanyi b'abiyamamaza gukomeza ingendo zabo.
Abo ni nk'abanywanyi ba CNL bari bafashe ibarabara rya Gitega - Ngozi bavuga ko bankiwe kubandanya urugendo rwabo bageze ahitwa Bitare muri komine Bugendana hariko habera ibirori vya CNDD-FDD, iyindi nzira bari gucamwo nayo basanga ikiraro cabomotse.
Bivugwa ko ku mugwa mukuru w'intara ya Kayanza gushika mu masaha icenda hari hakirengana amamodokari menshi yo mu bwoko bwa Fuso yuzuye abanywanyi b'uwo mugambwe aja i Ngozi kubera ivyo bibazo.
Eka n'imodoka harimwo iyitwaye Agathon Rwasa azokwitoza kw'izina ry'uwo mugambwe, zagize ikibazo zigeze muri komine Matongo y'intara ya Kayanza, aho basanze ikamyo itwara igitoro yari yakikamye mw'ibarabara.
Vyabaye ngombwa ko abanyagihugu bafasha mu kumucira inzira kugira ngo ashobore kurengana.
Haravugwa kandi n'isanganya ry'imodoka yari itwaye ivyuma vyongereza amajwi vy'umugambwe CNDD-FDD yagize isanganya ivuye i Ngozi ija i Bugendana, bikavugwa ko hoba hari abantu babiri bahasize ubuzima,n'abandi bakomeretse.
Iyo myiyamamazo yatanguye ikazobandanya gushika ku wa 17 z'ukwa gatanu hasigaye iminsi itatu ngo amatora nyezina abe.