Coronavirus: OMS ifise impungenge ko Afrika ishobora kuba ikiririmbiro rishasha

Umuryango ujejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO uragabisha ko umugabane wa Afrika ushobora kuba ikiririmbiro rishasha rya wa mugera w'icaduka coronavirus.

Abategesti ba ONU bamenyesha kandi ko ico kiza gishobora kwirahira abantu baharurwa mu bihumbi 300 muri Afrika, nayo abashika imiliyoni 30 bagashobora gusigara mu kangaratete.

Mu ndwi iheze, ibiharuro vy'abanduye coronavirus kuri uyo mugabane vyariyongereye bidasanzwe.

Gushika ubu, hafi abashika 1000 baramaze guhitanwa n'uwo mugera, mu gihe abashika ku 19.000 bamaze kuwandura, ibitigiri biri hasi cane ugereranije n'ibirangwa mu bice bimwe bimwe vya Bulaya na Amerika.

Umurwi wa ONU ujejwe ibibazo vy'ubutunzi muri Afrika - ari nawo wagabishije ko abashika ibihumbi 300 bashobora gupfa - wasavye ko hotegurwa amafaranga ashika imiliyoni 100 y'amadorari yo guha uwo mugabane, harimwo kandi n'ingingo yo guhagarika amadeni yo hanze.

OMS ivuga ko uwo mugera usa n'uwuriko urakwiragira hanze y'ibisagara.

Ivuga kandi ko uwo mugabane ubuze ibikoresho nyamukuru, nk'ibikoresho bifasha abarwaye guhema.

Abarenga ica gatatu c'abanyagihugu ba Afrika nta mazi meza bafise, mu gihe hafi ibice 60% vy'ababa mu gisagara baba begeranye cane - ivyo navyo bigatuma umugera ushobora kukwirakwira cane.

None muri Afrika bimeze gute?

Gushika ubu abashika 19.000 baramaze gutangazwa ko banduye coronavirus muri Afrika nzima, nayo abashika 970 bakaba aribo bamaze kumenyekana ko yabahitanye kuri uyo mugabane wose utuwemwo n'abantu hafi umuliyaridi 1.3.

Akarere ka Afrika y'uburaruko niko kabangamiwe . Alijeriya, Mirisi na Maroke bifise kimwe kimwe cose abarenga 2000 bamaze kwandura, hamwe n'imiburiburi 100 bamaze kuhasiga ubuzima. Alijeriya nico gihugu kimaze kubura benshi, abashika 348.

Mu bundi burere, Afrika y'Epfo nayo nyene ifise abarenga 2000 bamaze kuyandura, hamwe na 48 bamaze gupfa, mu gihe igihugu gifise abantu benshi gusumba ibindi muri Afrika, ari co Nijeriya, kimaze guharura abantu 442 bamaze kuyandura hamwe na 13 bamaze gupfa ku banyagihugu bashika imiliyoni 200.

None ni kubera iki ibiharuro vya Afrika biri hasi ugereranije n'ivya Bulaya na Amerika?

Uwuserukira OMS muri Afrika Dr Matshidiso Moeti yabwiye BBC ko ingendo mpuzamakungu zifise uruhara rukomeye mw'ikwirakwira ry'uwo mugera.

Avuga ati: "Uravye urugero rw'abantu bafata ingendo, Afrika ifise abantu bake cane bafata ingendo mpuzamakungu".

Hagati aho, mu gihe uwo mugera wamaze gushika muri Afrika, avuga ko umuryango aserukira uriko ukora utiziganya kuko uzi ko uwo mugera ushobora gukwiragira ku muvuduko munini cane gusumba ahandi.

Ni hehe uwo mugera uriko urakwirakwira cane?

OMS iramaze kubona ko uwo mugera uriko urakwiragira uva mu bisagara binini uja hagati mu gihugu mu bihugu vya Afrika y'Epfo, Nijeriya, Cote d'Ivoire, Kameruni na Ghana, nk'uko bivugwa na Dr. Moeti.

Hari ibihugu bishika 15 vya Afrika uwo mugera utarashika kure gushika ubu, akizera ko mu gihe ivyo bihugu vyofata ingingo zikomeye zituma abantu bareka kwegerana, vyoshobora gutuma ivyo bihugu biwuhagarika.

Ni gute Afrika ishobora kubangamirwa?

OMS ifise ubwoba ko mu mezi atatu gushika kuri atandatu ari imbere abarenga imiliyoni 10 bashobora kwandura uwo mugera, ariko ivyo biharuro bikaba bidafatira ku ngingo zijanye n'isuku zigenda zirafatwa.

None vyogenda gute mu gihe uwo mugera worandagara hagati mu gihugu muri Afrika?

Mu gihe Covid-19 yoshinga imizi kuri uwo mugabane, inkurikizi zoba umurengera gusumba izibonekeza i Bulaya na Amerika, nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC mu gisata c'amagara y'abantu.

OMS ivuga ko mu bihugu hafi vyose vya Afrika usanga hari ibitanda hafi bitanu gusa vyo kuvurirako indembe ku bantu umuliyoni wose, igitigiri kiri hasi cane rwose ugereranije n'I Bulaya, aho hari ibitanda 4000 ku bantu umuliyoni.

Dr. Moeti avuga ko OMS ishira imbere ugukinga uwo mugera hakurondera kuvura, kubera ibihugu vyinshi va Afrika bidafise ubushobozi bwo kuvura abarwayi benshi ba coronavirus.

Ati:"Dushaka ko ibitigiri vy'abakenera kuvurirwa mu bibanza vy'indembe biguma hasi, kuko tuzi neza ko mu bihugu vyinshi vya Afrika ubu buryo atabwo bifise".

Dr. Moeti avuga ko "imwe mu ngorane nyamukuru" ibihugu vya Afrika bifise ari ubukene bwa vya vyuma bifasha guhema abariko baravurwa uwo mugera.

Kubera iki ivyo vyuma ari nkenerwa cane?

Ku barwaye Covid-19 baremvye, kubura ivyo bikoresho ni nk'urupfu.

Mu gihe indembe zidashobora guhema neza zo nyene ukwazo, ivyo vyuma nivyo vyinjiza impwemu nziza (oxygène) mu mahaha bigasohora impwemu mbi (gaz carbonique) mu mubiri.

Umwe mu bantu bahitanywe n'uwo mugera ubwa mbere muri AFrika yari umumenyeshamakuru wa Zimbabwe Zororo Makamba, hari mu kwa gatatu.

Abategetsi b'umugwa mukuru Harare, bavuga ko vyatumwe n'uko batari bwaronke ico cuma co kumufahsa guhema kugira ngo bashobore kumuvura.

Ni ikihe kindi kintu gikenewe gukorwa kugira bahagarike ikwirakwira?

Dr. Moeti avuga ko ibintu nyamukuru vyokorwa muri ivyo bihugu ari:

  • Gukomeza ingingo yo kubuza abantu kwegerana - guhagarika uruja n'uruza
  • Kurondera abo bose boba barabonanye n'abamaze kwandura
  • Gushobora gutora hakiri kare cane abanduye
  • Gushobora gushira ukwabo abikekwa ko banduye

None ubu ni igiki kiriko kirakorwa

Ibihugu bitari bike biramaze gufata ingingo zo kugabanya uruja n'uruza.

Mu bihugu bimwe bimwe, nk'amashure yarahiduwe ibibanza vyo gufashirizamwo abanduye, aho bashobora kugumizwa ukwabo mbere no kuvurwa bakavurirwamwo.

Amahinguriro ahingura impuzu yarasabwe gufasha mu guhingura ibikoresho vyo kwikingira nka ya makanzu yambarwa n'abaganga.

Ikigo kijejwe gukinga indwara muri Afrika kimenyesha ko kigiye gutanga ibikoresho vyo gupima coronavirus bishika ku muliyoni kugira ngo bizibire "igihengeri kinini" cibonekeza kuri uwo mugabane.