Botswana: Abashingamateka bafashwe barenze ku mategeko ya Guma-muhira

Abashingamateka batari bake ba Botswana bafashwe barenze ku mategeko bahawe yo kuguma muhira baca bashirwa ku nguvu mu kibanza gicungerewe gishirwamwo abiketswe kobanduye.

Ejo ku wa kane, abashingamateka bose, hamwe n'umukuru w'igihugu Mokgweetsi Masisi, bategetswe kuguma muhira ukwa bonyene mu kiringo c'iminsi 14.

Ni inyuma y'aho umuganga yari amaze igihe abapima we nyene ubwiwe yapimwe agasanga yaranduye coronavirus.

Ariko, itangazo ryasohowe na leta rivuga ko hari abashingamateka bamwe babonywe bibereye mu maduka bariko barasuma.

Baciye bakurwa mu mihana yabo batwarwa mu kibanza ca leta gisanzwe gicungerewe.

Iryo tangazo ntirivuga ariko igitigiri c'abashingamateka barenze kuri ayo mategeko.

Botswana yatangaje ubwa mbere ko yabonetsemwo abantu bambere banduye coronavirus ku wa 31 z'ukwezi kwa gatatu guheze.

Haciye amasaha makeya gusa, ico gihugu caciye kimenyesha ko hari umuntu wa mbere yahitanywe n'uwo mugera, bakaba bagiye kumenya ko ari wo wamuhitanye yamaze gupfa.

Kuva icogihe gushika ubu, hamaze kuboneka abantu 13 banduye uwo mugera muri ico gihugu.