Coronavirus: WhatsApp igiye kugabanya abo urungikira ubutumwa

WhatAapp ivuga ko igiye kugabanya igitigiri c'abantu umuntu ashobora kurungikira ubutumwa ahawe.
Urwo rubuga rwo guhanahana amakuru ruvuga ko rwipfuza guhagarika ikwiragizwa ry'amakuru atari yo - canke ibinyoma - kuvyerekeye coronavirus.
Facebook Inc, kompanyi urubuga rwa Whatsapp rwegukira, ivuga ko ibitigiri vy'abantu barungika ubutumwa bakuye ahandi (Forward/ transférer) "vyongerekanye ku rugero runini" muri kino gihe c'iki kiza.
Hari amakuru atari yo yakwiragijwe ku vyerekeye coronavirus - kuva ku bijanye n'aho yaturutse gushika no ku bizokurikira mu nyuma - biciye ku mbuga hwaniro eka no ku mbuga ngurukanabumenyi.


Izo mpinduka nshasha zerekeye cane cane ubutumwa buzoba bumaze kurungikwa incuro zirenga zitanu.
Aho umuntu azoba ashobora kuburungikira umuntu umwe canke umurwi umwe gusa mu mwanya umwe, aho kuburungikira batanu canke imirwi itanu icarimwe nk'uko bimeze ubu.
Hagati aho, umuntu azoshobora kurungika ubutumwa incuro zose yipfuza.
Ariko Whatsapp izobategeka gufyonda ku gapfunguruzo ka forward/ transférer igihe cose, aho kuburungikira abantu benshi canke imirwi myinshi icarimwe.
Facebook Inc ivuga ko yigeze gufata ingingo isa n'iyo imbere y'aho, ivyo bikaba vyatumye ivyo kurungika ubutumwa umuntu aronse (forward/ transférer) bigabanuka ku bice 25% kw'isi.
Iyo kompanyi ivuga ko izi neza ko ubutumwa bwose bukwiragizwa atari bubi, ariko kubera ubutumwa kubijanye na coronavirus bwiyongereye cane, yibaza ko ari nkenerwa gufata ingingo nk'iyo.










