Coronavirus: Bane bakize mu Rwanda

AbanyaRwanda batatu n'Umurundi nibo barekuwe bamaze gukira

Ahavuye isanamu, RBA

Insiguro y'isanamu, AbanyaRwanda batatu n'Umurundi nibo barekuwe bamaze gukira

Abantu bane bari baranduye wa mugera wa coronavirus mu Rwanda nibo barekuwe inyuma y'aho babonetse ko bakize.Abo bantu bagizwe n'abanyarwanda batatu hamwe n'umurundi umwe.

Uyo munyagihugu akomoka mu Burundi yari yageze mu Rwanda ku wa 18/03 avuye i Dubai atera aja i Bujumbura, akaba yerekanye ibimenyetso ku kibuga c'indege ca Kigali.U Rwanda ruherutse gutangaza ko abantu 102 aribo bamaze kumenyekana ko bandiye uwo mugera. Bica bituma igitigiri c'abakirwaye kigabanuka gushika ku 98.