Coronavirus: Bane bakize mu Rwanda

Ahavuye isanamu, RBA
Abantu bane bari baranduye wa mugera wa coronavirus mu Rwanda nibo barekuwe inyuma y'aho babonetse ko bakize.Abo bantu bagizwe n'abanyarwanda batatu hamwe n'umurundi umwe.
Uyo munyagihugu akomoka mu Burundi yari yageze mu Rwanda ku wa 18/03 avuye i Dubai atera aja i Bujumbura, akaba yerekanye ibimenyetso ku kibuga c'indege ca Kigali.U Rwanda ruherutse gutangaza ko abantu 102 aribo bamaze kumenyekana ko bandiye uwo mugera. Bica bituma igitigiri c'abakirwaye kigabanuka gushika ku 98.
- Rwanda: Ibihe bidasanzwe byongerewe, abanduye bariyongereye
- U Rwanda rwemerewe miliyoni $109 yo kurwanya Covid-19
- Rwanda: Benshi batangiye guhagarikwa mu kaziAbantu barekuwe bavuye ku kigo gikurikirana iyo ndwara kiri i Kanyinya mu karere ka Nyarugenge hanze y'umugwa mukuru Kigali utera uja mu buraruko (mu majyaruguru) y'u Rwanda.Abo bantu bantu barekuwe inyuma y'indwi zitatu mu Rwanda habonetse umuntu wa mbere wanduye Covid-19.Mu ntango z'iyi ndwi umushikiranganji w'amagara y'abantu mu Rwanda yari yavuze ko hari abarwayi bariko babona ko umugera wabahezemwo ariko bagikora ibipimo vya nyuma kugira ngo bamenye neza ko bobarekura.






