Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ellen Johnson Sirleaf yahoze arongoye Liberia atera akamo ko isi ija hamwe mu kurwanya coronavirus
Ellen Johnson Sirleaf yabaye umukenyezi wa mbere atowe kuba umukuru w'igihugu ku mugabane wa Afrika.
Yarongoye igihugu ca Liberia mu kiringo c'imyaka 12 harimwo n'imyaka yaranzwe n'ikiza ca Ebola, hagati ya 2014 na 2016, aho cahitanye abantu bashika 5000 mu gihugu ciwe.
BBC yaregeyeye uyo mukenyezi imubaza ico yoterera kugira ngo isi ishobore guhangana n'ikiza ca coronavirus kiyihanze muri kino gihe.
Agira ati bantu mwese b'isi yose:
Ku wa 19 z'ukwezi kwa cumi 2014, igihe ikiza ca Ebola cariko kirabica bigacika muri Afrika y'Uburengero, aho mu gihugu canje cari kimaze guhitana abantu 2000, abandi babandanya bandura ku buryo buteye ubwoba, narandikiye urwandiko isi ndayisaba ko yonterera ikampa imfashanyo y'abantu n'uburyo.
Nasavye ko isi yose yoja hamwe igahagarika indwara twatinya ko yashobora kuba ikiza kw'isi yose.
Uno munsi, nongeye gufata aka kanya ngo ntere akamo nsabe ko twese dufatana mu nda.
Haraciye imyaka itandatu nsiguye ingene ubukene bwaranze igihugu canje inyuma y'intambara, hamwe n'igisata c'ubuvuzi atako cari cifashe, vyatumye kibangamirwa bikomeye na Ebola.
Kandi narerekanye ko mu gihe isi yose yohagurukira rimwe ikarwanya ico kiza cari ciziziye akarere ka Afrika y'Uburengero, aho igisata c'ubuvuzi kitari cifashe neza, ko twoshobora kukirwanya.
Navuze ko iyo indwara idashoboye guhagarikwa, aho yoba iri hose kw'isi, mu karere ako ariko kose, ni ikibazo kiba gihanze isi yose.
Isi yaratwumvise kandi yarakoze itiziganya.
Harabaye isekeza ryo kurondera uburyo ryarongowe n'ishirahamwe ONU, ishami rijejwe amagara y'abantu kw'isi, mu nyuma na Amerika irakurikira.
Ico kiza twarakirwanirije hamwe.
Ivyo vyatumye muri kino gihe haba incanco n'imiti nyayo kubera habaye ugukorana kw'abahinga karuhariwe kw'isi yose.
- Covid-19: Muri Australia batangiye kugerageza inkingo
- Ibinyoma 5 kuri coronavirus bivugwa muri Afurika
- Coronavirus: 'Ikintu gikomereye isi kuva ku ntambara ya II y’isi' - Guterres
- Coronavirus: ‘Ventilators’ bavuga ni iki? Kuki ari ingenzi?
- Coronavirus: Minisitiri w'intebe w'Ubwongereza yaburiye abaturage kwitega 'ibihe bibi kurushaho'
Muri kino gihe isi ihanzwe n'ikiza ca coronavirus, nashaka gutera akamo nk'aka nyene ku bantu bose kw'isi yose.
Ibi ndabikoze kubera nzi neza ko, n'aho gushika ubu ibihugu vya Afrika bigifise agahengwe, ni ikibazo c'umwanya gusa imbere y'uko iki kiza cizizira uyu mugabane usanzwe utiteguye bihagije guhangana n'iki kiza.
Dutegerezwa gukorana kugira ngo tugihagarike, duhagarike ikwirakwira ryaco.
Biraboneka ko habaye amakosa mu guhangana n'uwu mugera mu minsi ya mbere, kuva muri Aziya kugera i Bulaya, gushika muri Amerika.
Harabaye ugusamara. Umwanya uratujana.
Amakuru yawo yaranyegejwe, afatwa minenerwe, abantu bahabwa amakuru atari yo. Ukuri kwarahishijwe.
Niyo makosa nkayo twakoze mu 2014, ariko twarikosoye, hanyuma turaja hamwe.
Turi mu bihe bigoye aho imbibe z'ibihugu ziriko zirugarwa kw'isi yose kugira ngo bazibire ikwirakwira ry'uwo.
Ariko rero turabe neza ntiduhave twihenda. Si ukuvuga ko dutegerezwa kuba ba nyamwigendako, aho ibihugu vyibako vyonyene, oya. Ahubwo ivyo vyerekana ko twese turiko turaja hamwe.
Nashaka gutera akamo abantu bose ko bokwibuka ko kugira ngo ugire ubuzima bwiza ari uko ufasha abandi.