Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Rurangiranwa mu kuvuza saxophone muri Afrika yahitanywe na Covid-19
Manu Dibango, umunyamuzika w'umudiho wa jazz w'imyaka 86, yaguye i Paris nyuma yo kwandura coronavirus.
Dibango - yari azwi cane ku ndirimbo yiwe Soul Makossa yo mu 1972 - ni umwe muri ba rurangiranwa bo ku rwego rw'isi ahitanywe na Covid-19.
Uyu mutama w'imyaka 86 yavanga jazz na funk akabihuza n'amajwi kama yo mu gihugu ciwe ca Kameruni.
Urwandiko rwashizwe ku rubuga rwiwe rwa Facebook rugira ruti: "Turi n'umubabaro mwinshi wo kubamenyesha urupfu rwa Manu Dibango, Papy Groove wacu."
Gushingurwa kwiwe kuzoba mu "mwiherero ntangere", nk'uko urwo rwandiko rubandanya ruvuga, rugasaba kandi abantu kurungika ubutumwa bwo guhoza umuryango hakoreshejwe email.
Urwo rwandiko kandi ruvuga ko hazoba umuhango wo kwibuka uyu muhisi igihe bizoba bishoboka.
Abaririmvyi rurangiranwa muri Afrika nka Angelique Kidjo na Youssou N'Dour bakeje umuhisi.
'Igihangange muri Afrika'
Ku rubuga rwa Twitter, Kidjo yashizeko video, yafashwe haciye amezi abiri, igihe bariko barimenyereza impera y'indirimbo Soul Makossa na Dibango.
Uyu munye Benin yanditse ati: "Ni wewe gihangange nyaco c'umuziki wa Afrika kandi ukaba ikiremwa muntu ciza."
N'Dour yise uyu munye Kameruni "incabwenge idasanzwe" mu kuvuza saxophone kandi avuga ko yari "mukuru wiwe, ishema rya Kameruni na Afrika."
N'Dour na Kidjo uko ari babiri, hamwe n'abandi ba rurangiranwa nka Salif Keita, Papa Wemba na King Sunnu Ade, barakoranye na Dibango mu rukurikirane rwiwe Wakafrika rwasohotse mu 1992.
Aho yaganira na BBC mu 2013 ku kuntu yoshima kuzokwibukwa, Dibango yagize ati "ninatabaruka, bizoba biheze, si jewe novuga nti 'iki ni co nshaka'."
Ubuzima bwiwe
Yavukiye mu muji wa Kameruni wa Douala mu 1933, ico gihe ico gihugu kikaba cari ubukoroni bw'Ubufaransa, umwuga w'umuziki wa Dibango ukaba waramaze imyaka ishika mirongo itandatu.
Yakuriye mu muryango w'abakristu b'aba Porotesanti, nk'uko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru AFP, akaba yarakuye gukunda umuziki mu rusengero.
Bivugwa ko yigeze kuvuga ati: "Ndi umwana yarerewe muri 'Hallelujah'".
Ariko yanarabiye ku zindi njana nyinshi akaba yari azwi cane nk'umuntu afise injana yisangije.
Mu 2017 yabariye BBC ati: "Navugije ubwoko bw'umuziki butandukanye bwinshi imbere y'uko mvuza ivy'iwanje. Nibaza ko ari nkenerwa cane kuvuza umuziki w'abandi.
"Iyo uri umunye Afrika bama biteze ko uvuza ivyo muri Afrika. Ivyo vyibagire. Nturi umunyamuzika kubera uri umunye Afrika. Uru umunyamuzika kubera uri umunyamuzika. Uva muri Afrika, ariko ubwa mbere, uri umunyamuzika."
Yarungitswe kwiga amashure yisumbuye mu Bufaransa, akaba ari ho yigiye kuvuza saxophone.
Indirimbo yambere yavugije, imbere y'abandi banyeshure, yari "When the Saints Go Marching In", nk'uko yabibwiye BBC.
AFP ivuga ko ku buryo butaguye neza se, Dibango yananiwe ikibazo c'ishure aca yigira mu muziki mu Bubirigi.
Mu 2009, uyu mukinyi wa saxophone yashingishije urubanza arega Michael Jackson ku kuba yaramwivye indirimbo, Soul Makossa, ayikoresha mu ndirimbo ziwe zibiri mu rukurikirane Thriller rumaze kugurushwa cane kurusha izindi kw'isi.
Ico gihe Michael Jackson yahisemwo kumuha amafaranga hako urubanza ruja muri sentare.