Prezida w'u Burundi Petero Nkurunziza aragabisha 'Abarundi barondera inyungu zisiga iceyi igihugu'

Petero Nkurunziza, umukuru w'igihugu c'u Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nkuruniza avugako ubumwe mu gihugu bumeze neza

Mw'ijambo ryo guhimbaza imyaka 29 irangiye u Burundi bwemeje amasezerano y'ubumwe, Petero Nkurunziza yagabishije abohemukira igihugu, ababarira ko ''ataho bazomenera''.

Petero Nkuruziza yasavye Abarundi bose kuja hamwe bagakomeza amasezerano y'ubumwe bemeje mu 1991, ubumwe avuga ko buriho naho kaciyemwo muri kahise.

Mw'ijambo yashikirije Abarundi ku munsi w'ejo, umukuru w'u Burundi yagabishije abantu bagomba kudurumbanya Abarundi avuga ko ''bizobagora kuko batagira aho bazomenera'' kugira babishikeko.

Prezida Nkurunziza yagabishije kandi abo yise ''abarondera inyungu zisiga iceyi iteka ry'igihugu''.

Uwo aherutse kumenyesha ku mugaragaro ko atazosubira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu, yasavye ibihugu yise ivy'''abansi'' ku Burundi, kureka Abarundi ''bakiyubakira igihugu''.

Yagize ati: ''Abansi bacu baratsinzwe ni bemere badusonere nk'uko natwe dusonera ibindi bihugu".

U Burundi buhimbaje kuri uyu wa kabiri umwaka ugira 29 w'amasezerano y'ubumwe, Prezida Nkurunziza akaba yasavye gukomeza ibikorwa biriko birarangurwa mu ntumbero yo gukomeza ubumwe, nk'ibiriko birarangurwa n'umugwi w'igihugu ujejwe ukuri n'ukunywanisha Abarundi.

Bamwe babona ubumwe abandi bati ntabwo

Bamwe mu Barundi bavugako ubumwe n'amahoro vyiraye mu Burundi, abandi nabo bakavuga ko bigoye kuvuga ko hari ubumwe mu gihe hari abantu bazira ivyiyumviro vyabo vya politike.

Onesime Nduwayo, umunyepolitike atavuga rumwe na leta, avuga ko ubumwe cabaye igikoresho c'abanyepolitike kugira bashike ku vyo bakeneye gusa.

Benshi bihweje ingene atacakinze ubwicanyi bwabaye mu 1993 inyuma y'urupfu rwa Melchior Ndadaye, baraneguye ayo masezerano.

Hari kandi n'abavuga ko iyo ubwo bumwe buba buhari, ivyabaye mu 2015 bitari kuba, mu gihe leta y'u Burundi ivuga ko harimwo ukuboko kwo hanze.