Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibanki y'isi yose yigijeyo ingingo yo guha ingurane Tanzania
Amakuru ava mw'ibanki nkuru y'isi yose avuga ko iyo banki yigijeyo ingingo yo kugurana Leta ya Tanzania amafaranga agera ku miliyoni 500 y'amadolari agenewe igisata c'indero bivuye ku baharanira agateka ka muntu.
Iyo ngingo yari yiteze kwemezwa uno munsi, ariko yavyuye impari nyinshi muri ico gihugu ca Tanzaniya, aho baharira bibaza nimba ibanki nkuru y'isi yose yoshobora guha iyo ngurane igihugu cafashe ingingo yo kwirukana mu mashure asanzwe abigeme batwaye inda.
Mu bindi bigenewe iyo ngurane harimwo ugufasha abigeme bibungenze gutora uburyo bwo kurondera iyindi nzira yo kuzobandanya biga, nk'uko bivugwa n'ibanki nkuru y'isi yose.
Ariko ibi vyaneguwe n'abaharanira agateka ka muntu mu gihugu ca Tanzaniya, aho bandikiye ibanki nkuru y'isi yose bayisaba kudatanga iyo ngurane.
Abo baharanira agateka ka muntu bavuga ko kwemerera Tanzaniya iyo ngurane bizoba bisa n'ugushigikira itegeko rya Leta ricanishamwo abantu bo mu gisata c'indero.
Itegeko rigenga igisata c'indero hamwe n'amategeko yo muri Tanzaniya arabuza abigeme bibungenze gusubira mu mashule ya Leta inyuma yo kwibaruka.
Naho batacemerewe gusubira mu mashure asanzwe, abo bigeme bibarutse baremerewe kubandanya barondera ivyigwa bizobaha ubumenyi.
Itegeko rigenga indero ryo mu 2002 ryatanguye mu 1960, ririmwo ingingo ijanye n'ubuntu risaba abayobozi kwirukana vy'imfatakibanza mu mashure abigeme bibungenze.
Abaharanira agateka ka muntu baremeza y'uko iryo tegeko ryasubiye kuvyurwa n'ubutegetsi bwa John Magufuli kandi ko abayobozi bihuse gushira mu ngiro ingingo idahuriweko na bose.
Urwandiko rw'Ibanki y'isi yose rusigura ivyerekeye iyo ngurane, rwerekana ko mu 2017 hafi abigeme 5500 muri Tanzania batashoboye kubandanya amashure yisumbuye kubera batwaye inda z'ishushu.
Ejo haheze, ku biro vy'umukuru w'igihugu, Perezida Magufuli yasavye abarongoye leta kwima amatwi abidoga, avuga ati:
''Icegera c'umukuru wa Banki nkuru y'isi yose yaraje hano mu mwaka uheze, barazi aho Tanzania ihagaze n'ivyo turiko turakora kandi bazoduha amahera, abo bandi ni abaturenza urwamo gusa, ntimunabishure''.
Magufuli afise icizere ko azoronka iyo ngurane n'aho mu 2018 iyo banki yahagaritse amadolari imiliyoni 300 yo mu ngurane yari igenewe Tanzania kubera amakenga yari ifise ku ngingo y'ico gihugu yo kwirukana mu mashure abigeme bibungenze.