Ibanki y'Isi yose "ntishobora kwemera ko abigeme bibungenze babuzwa kwiga" muri Tanzaniya

Icegera ca Perezida w'Ibanki y'Isi yose ku mugabane wa Afrika, Hafez Ghanem, yavuze ko Tanzaniya izoronka ingurane y'amahera imiliyoni 300 z'amadolari yo kunagura igisata c'indero ibanje kureka abigeme bibarutse bakiga.

Ku munsi wa gatanu, Bwana Ghanem yabonanye na Perezida John Magufuli i Dar es Salaam, baganira ku bijanye n'iyo ngurane.

Yari yahagaritswe biturutse kuri politike y'igihugu ca Tanzaniya idashigikiwe na bose, yo kubuza abigeme bibarutse gusubira kw'ishuli.

Inyuma y'uwo mubonano, ibiro vy'umukuru w'igihugu vyasohoye itangazo bivuga ko iyo banki yemeye gutanga iyo ngurane, Magufuli nawe avuga ashimitse ko ayo mahera atigeze ahagarikwa" nkuko abantu batatwipfuriza ineza babivuga".

Mu mpera y'indwi Bwana Ghanem yarashize ahabona ivyo yaganiriye na Perezida Magufuli mu kinyamakuru "The Citizen", avuga ko batoye inyishu ko abo bigeme bashobora gusubira kw'ishuli.

"Ivyo nivyo vyahindutse...turi ikigo giharanira iterambere, ntidushobora kwemera ko hagira abigeme babuzwa kwiga.

Tuvyemeye ntituzoba tugiharanira iterambere," niko Bwana Ghanem yavuze.

Uwo mugambi wari gutangura itariki 30 Ukwezi kwa cumi ariko Bwana Ghanem yavuze ati: "tuzoteba gushika igihe dushiriye mu ngiro ivyo twumvikanye na leta, vyo gusubiza mw'ishuli abigeme batwaye inda".

Mu mwaka uheze, Bwana Magufuli yavuze ko abakobwa bavyaye boba babujijwe kurera abana, igihe boba bemerewe gusubira mw'ishuli:

"Amaze gukora ibiharuro bikeyi, wohava usanga yasavye umwigisha ati: 'reka nje hanze kwonsa umwana ariko ararira'."