EAC: ONU isaba amakungu gufasha Afrika y’Ubuseruko guhangana n'inzige

Ahavuye isanamu, EPA
Ishirahamwe ONU risaba amakungu ko yofasha akarere ka Afrika y'Ubuseruko kurwanya ikiza c'inzige kiriko kirakora ibara.
Umuvugizi w'igisata ca ONU kijejwe imfungurwa kw'isi, FAO, asaba imfashanyo kugira ngo ako karere gashobore "guhangana n'inkurikizi z'inzara".
Ethiopia, Kenya na Somalia birageramiwe n'igitero c'izo nzige zitema zigatongora imirima, zigatera n'ikigoyi.
Iryo shirahamwe rifise ubwoba ko gushika mu kwa gatandatu, izo nzige zishobora kuba ziyongereye ku ncuro 500.
Mu Burundi inzige zaravuzwe muri kahise, aho zateye amapfa.
Ibihugu vya Ethiopia na Somalia ntivyari biherutse guhura n'ibiza nk'ivyo mu kiringo c'imyaka 25, nayo Kenya yoyo ikaba itari bwigere iterwa n'inzige mu kiringo c'imyaka 70, nk'uko FAO ibivuga.
Mu gihe zobandanya zirwirirana kandi zikwiragira, ibihugu vya Sudani y'epfo na Uganda nivyo bivugwa ko bishobora kugeramirwa.
FAO iti: "Uravye ingene izo nzige zikwiragira n'ingene zingana, ni ibintu bidasanzwe ku buryo ibisata bijejwe guhangana nazo vyarengewe".
Izo nzige zavuye mu gihugu ca Yemen zijabukira mu kiyaga gitukura.

Ahavuye isanamu, Reuters
Imvura nyinshi yaguye mu mpera z'umwaka wa 2019 zatumye utwo dukoko duhonya imirima n'amashamba twiyongera ku rugero rudasanzwe.
Mu kwezi guheze, izo nzige zaratumye indege yunguruza abantu muri Ethiopia ihagarika urugendo rw'indege, zimaze kwinjira mu mamoteri ziranazibira ku buryo umudereva atashobora kubona iyo aja, biba ngombwa ko atura ku kibuga muri Addis Abeba.
Muri kahise mu Burundi inzige zarateye amapfa
Abatari bake barumva ivyerekeye inzige mu Burundi, ariko bakavyumva muri kahise nk'umugani kubera amarira n'amaganya vyasiga mu gihugu nk'uko bivugwa na Aloys Batungwanayo, umucukuzi mu vya kahise.
Bwana Batungwanayo asigura ko muri kahise inzige zateye mu Burundi, aho wasanga zitumye igihugu giterwa n'amapfa.
Avuga kandi ko zanatuma hashobora kwaduka n'intambara kuko zafatwa ko ari ikimenyetso c'uko umwami atari agishoboye gutwara, agasabwa gutanga, yanana ugasanga haradutse intambara yo kumurwanya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ati: " Aho ziciye ziratema zigatongora hagasigara ubugaragwa, zigasiga inzara izura inzara".
"Iyo rero zishitse mu Burundi ku ngoma y'umwami kanaka, baca bavuga ko atagishoboye gutwara, bakamusaba ko yiha ubuki, iyo yanse hagaca haduka indwano hirya no hino".
Bwana Batungwanayo avuga ko izizwi cane muri kahise k'u Burundi ari izateye mu 1860 ku mwami Mwezi Gisabo, zivuye muri Tanzania.
Avuga kandi ko zasubiye gutera u Burundi igihe bwacurwa bufuni na buhoro n'abakoloni b'Ababirigi, aho mu mwaka wa 1929 zateye ikigoyi bise MANORI, be no mu 1949 aho zateye ikigoyi ciswe GAKWEGE.
Yibutsa ko n'ubu bwa vuba, "mu 2006 zateye mu ntara ya Bubanza ziri kumwe n'ibinyabwoya ariko Imana ikaba yarakinze ntizonona imirima kuko zaciye zigenda".
Aho inzige ziciye zihasiga amarira n'amaganya kuko zirya ibiterwa mu mwanya muto cane kandi ntaco zisiga, nk'uko Batungwanayo abivuga.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ati: "Abantu batunzwe n'imirima, ibikoko bitunzwe n'imirima hamwe n'ivyatsi, rero aho ziciye hasigara ubugaragwa".
"Ni ukuvuga ko inkurikizi ari uko zisiga inzara izura inzara, ikica abantu n'ibikoko".
Bwana Batungwanayo afise ubwoba ko zishobora gushika no mu Burundi kuko ata n'ubuhinga busanzwe buhari bwo kuzirwanya.
Hagati aho, afise icizere ko u Burundi bufise igisata kijejwe gukinga impanuka z'ivyaduka mu bushikiranganji bw'umutekano.
Agisaba kuba maso kugira ngo babe bariyumvira "umuti mu gihe zoshika mu Burundi na rirya ziri ku muryango".
Ishirahamwe FAO rivuga ko inzige zishobora kugenda urugendo rw'ibirometero 150 ku munsi, haba hari ubwoba ko zishobora no kubandanya zikwiragira no mu bundi burere.










