Muri Zimbabwe umutunzi ruhebwa yemeye guhemba abaganga kugira basubire ku kazi

Abaganga n'abakozi bo mu buvuzi mu myiyerekano muri Zimbabwe itariki 19/09/2019

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ihagarikwa ry'akazi ry'abaganga muri Zimbabwe ryashize ku mavi igisata c'amagara

Abaganga batararonka uburambe mu kazi bemeye gusubira gukora, inyuma y'ihagarikwa ry'akazi ryari rimaze amezi arenga 4.

Vyatumwe n'uko bemerewe amafranga n'umutunzi ruhebwa wo muri ico gihugu akorera wo mu gisata kijejwe ubuhinga bwo gutumatumanako bwa telefone.

Ukwo guhagarika akazi nikwo kwabaye kunini muri ico gihugu muri kahise kaco, kunashira ku mavi igisata c'amagara y'abantu.

Uyo mutunzi, Strive Masiyiwa, asanzwe aba mu Bwongereza, azorihira umuganga wese amafranga y'ivyankenerwa 300 y'amadolari, yongere abahe uburyo bwo kwiyunguruza bagiye gukora, biciye ku buryo bw'amafranga yateguye.

Benshi muri abo bihereje amabarabara, bahora binjiza amafranga ari munsi y'amadollar 100 ku kwezi.

Uyo mutunzi ruhebwa azotanga ayo mafranga ku baganga mu kiringo c'amezi 6, ariko ntawuzi ikizokurikira inyuma y'ico gihe.

Strive Masiyiwa yemeye kuriha amafranga y'ivyankenerwa vy'abaganga muri Zimbabwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Strive Masiyiwa yemeye kuriha amafranga y'ivyankenerwa vy'abaganga muri Zimbabwe

Ihagarikwa ry'akazi ryahitanye abantu batazwi igitigiri nk'uko bivugwa n'umuganga wa kera wo mw'ishirahamwe ry'abaganga, akaba yise impfu zabo ihonyabwoko ryabaye mu gacerere.

Abaganga bihereje amabarabara baharanira ko amafranga bahembwa bayaronka mu madolari mu ntumbero yo kwikingira kubera ifranga ryo muri ico gihugu riguma rita agaciro.

Ivyo vyavuye kw'ihungabana ry'ubutunzi bw'igihugu ca Zimbabwe rimaze imyaka 10.