Prezida Nkurunziza yatsinzwe mu rubanza yunguruje arega France 3 n'abandi babiri kumutyoza

Ahavuye isanamu, Alamy
Sentare y'iyungururizo y'i Paris mu Bufaransa yasanze ivyashikirijwe n'umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, mu rubanza yunguruje ku kirego co gutyozwa "bidafashe".
Umwanditsi David Gakunzi n'umushingwamanza Bernard Maingain baregwa hamwe na France 3 muri uru rubanza, rumaze gusomwa bavuze ko ari intsinzi ku bantu basinzikarizwa ubuzima mu Burundi.
Pierre Nkurunziza yari yashengeje Bernard Maingain, David Gakunzi hamwe na Televiziyo yo mu Bufransa France 3 kubera inkuru iyo television yakoze mu 2016, avuga ko yamutyoje.
Iyo nkuru yerekanye amasanamu y'umugwi w'abarwanyi wariko uragandagura abantu mu buryo buteye ubwoba, France 3 ivuga ko ivyo vyariko bibera mu Burundi muri rimwe mu matongo ya Prezida Nkurunziza.
Bernard Maingain na David Gakunzi muri iyo nkuru ya France 3, bagaragaye nk'abatumire baje kwemanga canke kuvuga uko ibintu vyifashe mu Burundi.
Mu nyuma vyaje kugaraga ko abari mw'iyo video batari abarundi, kandi ko ivyerekanywe bitabereye mu Burundi, France 3 ica isaba ikigongwe ku bw'iryo "kosa".
Prezida Nkurunziza yaciye ashingisha urubanza arega abo batatu kumutyoza, ariko aza kurutsindwa ari kwo guca yunguruza
David Gakunzi avugako we mu rubanza yerekanye ko hari "inyuruzwa ry'abantu bagizwe ahanini n'urwaruka, n'ugusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu gutandukanye" vyariko biraba mu Burundi.
Yabwiye BBC ati: ''Icizere canje n'uko muri kazoza abiciwe bazoronka ingene bitura ubutungane''.
Abarega ntibashimye urubanza
Umushingwamanza wa Petero Nkurunziza, Arthur Vercken, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko yatangajwe no kubona sentare yubahuka guca mu mice ibiri inkuru yatyoza uwo aburanira.
Yavuze ko kugira ibice bibiri inkuru imwe biciye kubiri n'amategeko kandi vyabaye mu ntumbero yo kudaha agaciro ibivugwa n'abarondera indishi.
Umushingwamanza Vercken avuga ko afise imisi 5 yo gushobora kwunguruza urubanza ariko ataramenya ingingo uwo aburanira azofata.
Mu kwezi kwa mbere mu 2016, Televiziyo y'u Bufaransa France 3 yerekanye amasanamu y'ubwicanyi ivuga ko yafatiwe mu ntara ya Karuzi mu Burundi.
Mu nyuma basanze ayo masanamu yafatiwe muri Afrika y'uburengero kandi abari muri ubwo bwicanyi bavuga ururimi rw'i Haussa.











