I Paris harabera urubanza Prezida Nkurunziza aregamwo abamutyoza barimwo France 3

Prezida Pierre Nkurunziza aho yakira umuhuza Benjamin Mkapa i Bujumbura itariki 09/12/2016

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Prezida Nkurunziza yitwariye abamwegetseko ubwicanyi butabereye mu Burundi

Mu Bufaransa uno munsi niho hatangura kwumvirizwa urubanza Prezida w'u Burundi Pierre Nkunziza aregamwo igitangazamakuru France 3 hamwe n'abandi kumutyoza.

Abandi baregwa muri uru rubanza ni umunyamategeko w'umubirigi, Bernard Maingain, hamwe n'umwanditsi w'umurundi, David Gakunzi.

Abo uko ari batatu Prezida Nkurunziza yabitwariye muri sentare kubera amasanamu yaciye kuri television France 3 mu 2016.

Ibiriko bikoreramwo television ya leta y'u Burfaransa, ikoreramwo za televison France 1, France 2 nad France 3, France 4, France O naFrance Info

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Bikiba France 3 yaremeye ko yagize amakosa irasaba ikigongwe

Ayo masanamu yerekana umugwi w'abarwanyi uriko uragandagura urw'agashinyaguro abantu batazwi, iyo television ikavuga ko vyariko birabera mu Burundi muri rumwe mu ngo za Pierre Nkurunziza.

Mu nyuma vyaje kumenyekana ko ururimi abo bicanyi bariko baravuga atari ikirundi, ahubwo ko cari igihausa kivugwa mu karere k'uburengero bwa Afrika hako hobaye mu Burundi.

Bernard Maingain mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Paris itariki 11/01/2012

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umunyamategeko Bernard Maingain aregwa guha France 3 amasanamu yakoreshejwe

Umunyamategeko w'umubirigi Bernard Maingain muri uru rubanza aregwa kuba ari we yahaye ayo masanamu televison ya France 3, nayo umwanditsi David Gakunzi akagirizwa kuba yaremanze ibivugwa nk'umutumire w'iyo television.

Gusaba ikigongwe

Bikiba, televison France 3 yaremeye ko yihenze ica isohora ubutumwa bwo gusaba ikigongwe yemera ko amasanamu yakoresheje atari ayo mu Burundi.

Nayo umunyamategeko Bernard Maingain we yavuze ko ayo masanamu ahubwo ngo yariko arakoreshwa mu nyigisho zahabwa Imbonerakure mu Burundi, ngo ayahabwa n'umwe mu bari mu nzego z'umutekano mu Burundi.

Umwanditsi David Gakunzi

Ahavuye isanamu, David Gakunzi Facebook

Insiguro y'isanamu, Umwanditsi David Gakunzi yagirizwa kwemanga ivyavuzwe na France 3 aho yari umutumire wayo

Umwanditsi David Gakunzi we yemanga ko leta y'u Burundi irongowe na Prezida Nkurunziza ihohotera abatavuga rumwe nayo, akaba yitwara muri sentare kugira ababuze gushira ahabona amakosa yayo.

Leta y'u Burundi ariko yamye yemanga ko ata banyagihugu bahohoterwa, kandi ko abakora amakosa nk'ayo bahanwa n'amategeko.

Uno minsi ni uwa mbere w'uru rubanza rushobora kumara igihe kirekire, BBC ikaba yarungitse i Paris umunyamakuru wayo, tukazobashikiriza uko bizoja birangenda.