Urubanza rw'abashatse gusenyura reta rwungurujwe

Mw’itangazo ryasohowe n’umunyamabanga mukuru wa senatre ntahinyuzwa mu Burundi, bamenyesheje ko bunguruje urubanza rw’abagirizwa gusahaka gutembagaza ubutegetsi.
Muri iryo tangazo, bashize ahabona urutonde rw’abantu 34 batavuga rumwe na reta, ubu bahunze, harimwo abo mu mashirahamwe yigenga n’abamenyeshamakuru, bitwarira ko na bo nyene bari kumwe muri uwo mugambi wo gusenyura intwaro mu kwezikwa gatanu mu 2015.

Bunguruje urubanza inyuma y’aho sentare ntahinyuzwa, mu kwezi guheze, iciriye urubanza rwo gupfungwa ubuzima bwiwe bwose uwahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi, Gen Cyrille Ndayirukiye hamwe na bagenzi we biyemereye icaha, abandi bacibwa gupfungwa hagati y’imyaka 5 na 30.
Abashikirizamanza bavuga ko batanezerejwe n’igihano bahawe, ko rero urwo rubanza rwosubirwamwo.






