Abafaransa 4 n'Umurundi umwe muri sentare mu Burundi

Abo bagirizwa bafatiwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abo bagirizwa bafatiwe ku kibuga c'indege ca Bujumbura

Abo bafaransa bane bafashwe bagishika ku kibuga c'indege ca Bujumbura mu mpera z'indwi iheze baca bajanwa mu mabohero atandukanye ari hirya no hino mu gihugu c'u Burundi.

Jean Christophe Viguier apfungiwe mw'ibohero ry'i Gitega hagati mu Burundi, nayo Sébastien Vacher ari i Muyinga mu buraruko.

Uwahoze arongoye ishirahamwe ryo gutumatumanako LEO mu Burundi, Abdallah Elkabdani, apfungiwe i Ngozi mu buraruko, mu gihe uwari abarongoye Foucher Laurent ari mu Rumonge mu bumanuko bw'igihugu.

Umurundi ni Donatien Ndayishimiye yahoze akorera urwego rw'iperereza, akaba yaratwaye n'ayandi mashirahamwe ya reta y'u Burundi harimwo iritanga amatara n'amazi REGIDESO.

Inkuru z'uko bafashwe zamenyeshejwe n'igipolisi kuri Twitter ku musi wa gatandatu.

Igipolisi c'Uburundi kiremeza ihagarikwa c'abafaransa bane

Ahavuye isanamu, Twitter

Ikinyamakuru cegereye ubutegetsi bw'Uburundi Ikiriho.bi canditse ko abahagaritswe bose baza kurenguka imbere y'umushikirizamanza wa republika kuri uyu wa mbere.

Ikiriho

Ahavuye isanamu, Twitter

Uwubaburanira Segatwa Fabien avuga ko abo Bafaransa bari baje kuraba ishirahamwe baheruka kugura ITS (International Telecom System) rifise icicaro mu gihugu ca Hong Kong ariko risanzwe rikorera no mu Burundi.

Segatwa avuga ko abo Bafaransa babonanye n'abategetsi batandukanye, abasanzwe bakorana n'iryo shirahamwe ariko ko batigeze babona abarirongoye muri kino gihe mu Burundi.

Avuga kandi ko no mu gihe hoba hariho ico bagirizwa, bari kwitwarirwa muri sentare y'ubudandaji batari kwihutira kubafunga.