Liberia yasubije umuzigo wari wuzuye imicafu y’amasashe mu Bugiriki yari yinjijwe kuri magendo

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ubutegetsi bw'igihugu ca Liberia butangaza ko bwasubije inyuma imizigo ine mu Bugiriki yari yuzuye amatoni y'amasashe azwi ko yonona ibidukikije.
Ayo mashashe yari yinjijwe mu gihugu mu buryo bwa magendo, "bavuga ngo arashobora guhingurwamwo ibindi bintu".
Abakozi bo mu gisata kijejwe kurwanya magendo, berekanye amakenga bari bafise igihe iyo mizigo yashika ku kivuko ca Monronvia bakumva inuka nabi nk'iyiboze, nk'uko bivugwa na Nathaniel Blama arongoye ishirahamwe rijejwe gukingira ibidukikije.
Amatohoza yatanguye kugira ngo bamenye ingene iyo mizigo yashoboye kurungikwa.
Inyuma y'aho ama konteneri akontororewe, iryo shirahamwe rivuga ko ubwo bwoko bw'amasashe yari yinjijwe mu gihugu ari amasashe abujijwe kandi atemerewe guhingurwamwo ibindi mu Bugiriki.
Amakuru avuga ko ayo masashe yaranguwe n'umucuruzi wo muri ico gihugu nawe aca arayarungika.
Inkengera y'ibahari ipima ibirometero birenga 563 isanzwe icungerewe n'abajejwe umutekano bahanganye n'ubwato buroba amafi, bwinjira mu karere ka Libera bidaciye mu mategeko.
Amasashe muri Afrika y'Ubuseruko
Ibihugu nka vyose vyo mu karere ka Afrika y'Ubuseruko biramaze gushira mu ngiro umugambi wo gukoresha amasashe ku butaka bwavyo.
U Rwanda nirwo rwatanguye imbere ya vyose. Nico gihugu ca mbere washaka muri Afrika yose catanguye kubuza ikoreshwa ry'amasashe. Kuva mu 2004 kirazira kwinjiza canke gukoresha amasahshe muri ico gihugu.
Muri ico gihugu nyene, inama nshingamateka yaremeje mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze integuro y'itegeko ribuza guhingura, kwinjiza, gukoresha no kugurisha ibikoresho vya plastiki bikoreshwa rimwe.
Tanzania yatanguye gushira mu ngiro umugambi wo kubuza amasashe ku wa 01/06/2019, aho ari icaha gihanwa n'amategeko gukora, kurangura, gukwiragiza, kwinjiza no gukoresha amasashe muri ico gihugu.
Muri Kenya, kuva mu 2017 amasashe ntiyemewe gukoreshwa, aho uwo ari we wese afashwe akora, agurisha canke akoresha amasashe ashobora gucibwa amande y'ibihumbi 40.000 vy'amadolari y'abanyamerika, canke agapfungwa mu kiringo c'imyaka ine.
U Burundi bwafashe itegeko ryo kubuza amasashe kuva ku wa 08/08/2018, aho "Ugukora, ukwinjiza mu gihugu, ugushingura, ukudandaza n'ugukoresha amasashe yose n'ibindi bitekezo" bikozwe mu masashe bibujijwe.
Muri Uganda, Perezida Yoweri Museveni yarabujije ikoreshwa ry'amasashe, aho mu kwezi kw'umunani 2018 yatanze itegeko ku bajejwe umutekano gukurikirana ingene iryo tegeko ririko riraja mu ngiro.
Amasashe azwi ko yonona ibidukikije, ibihugu bitari bike kw'isi bikaba biriko birafata inging zo kubuza ikoreshwa ryayo.










