Umwana w'umuhungu w’imyaka 11 yarashe umwigisha nawe aca arirasa muri Mexique

Umwana w'imyaka 11 yiga kw'ishure muri Mexico, yuguruye umucanwa arasa umwigisha arapfa, akomeretsa n'abandi bagera kuri batandatu, imbere y'ukwirasa nawe, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Iryo bara ryabereye kw'ishure riri mu minwe y'abigenga rya Colegio Cervantes mu ntara ya Coahuila.

Icatumye uyo mwaka akora ivyo nticashotse kimenyekana.

N'aho ububisha bugizwe n'ubwicanyi bugenda bwiyongera mu gihugu ca Mexique, ivyo kurasana ku mashure ntivyari bikunze kwibonekeza.

Uyo mwana w'umuhungu - izina ryiwe ritamenyeshejwe - yari umunyeshure ameze neza yabana na inakuru kandi yari afise indero runtu, nk'uko umukuru w'igisagara, Jorge Zermeño yabibwiye televiziyo Milenio TV.

Bwana Zermeño avuga ko uyo mwana yari afise inkoho zibiri, ariko ko batazi ingene yazironse.

Iryo bara ryabaye ku munsi wa gatanu mu gitondo mu ntara ya Coahuila, mu gisagara ca Torreón kiri ku birometero 800 uvuye ku mugwa mukuru wa Mexique, Mexico.

Umukuru w'ico gisagara avuga ko igipolisi cari kikiriko kirondera abavyeyi biwe, n'ayo abapolisi batari bake bakaba baciye bakikuza iryo shure.

Mu bakomeretse harimwo abanyeshure bagenzi we batanu hamwe n'umwigisha yabigisha ivyigwa vyo kwinonora imitsi.

Buramatari w'intara ya Coahuila Miguel Angel Riquelme avuga ko uyo mwana yabanje gusaba kuja mu bwogero ivyigwa bigomba bitangure.

Haciye iminota 15 ataravayo, umwigisha yagiye kumuraba, ariho uyo mwana w'umuhungu yaca asohoka arasa, nk'uko bivugwa na Bwana Riquelme.

"Yari umwana w'indero, ariko ashitse kw'ishure yabwiye abandi bana ati 'uno munsi ni wo munsi nyawo',".

Bwana Riquelme yavuze ko uyo mwana yari yambaye agapira kanditseko izina ry'ireresi yitwa Natural Selection, igizwe ahanini n'ibikino vy'ukurasana.